Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inzitizi zakemuwe vy’imfatakibanza muri Leta Zunzubumwe z’Amerika
Inzitizi zakemuwe vy’imfatakibanza muri Leta Zunzubumwe z’Amerika
jeudi 17 Gitugutu 2013
Inama nkeguzamateka na nshingamateka za Leta Zunzubumwe z’Amerika zaraye zitoye itegeko ryugurura ubuzi bwa Leta bwari bwahagaritswe haraciye iminsi 16. Iryo subizwa mu buryo ry’ibintu ryaraye ribaye rikaba ryafashe nk’intsinzi ya Obama n’umugambwe wiwe w’aba democrate. Aba repubricains bobo bakaba bavugako , naho biruko, bazobandanya biyamiriza umugambi wa “Obamacare”.
Ku mugoroba w’uyu wa gatatu, inama nkenguzamateka na nshingamateka za Leta Zunzubumwe z’Amerika zaremeje iyugururwa ry’ubuzi burenga ibihumbi amajana bwari bwahagaritswe. Inzitizi zari hagati y’impande z’ibiri zigize izo nama nkuru z’ico guhugu(aba republicains hamwe naba democrate) zaratorewe umuti vy’imfatakibanza kwo kutumvikana. Inyuma y’ibiganiro hagati yizo mpande, itegeko ryugurura ubwo buzi bwari bwugawe kuva ku wa 1 Gitugutu 2013. Iryo tegeko rikaba ryatowe ku bitigiri 81 kuri 18 mu nama nkenguzamateka hamwe n’285 kw’144 mu nama nshingamateka.
Iryo tegeko rikaba kandi riteye bwa tegeko ritegekanya amafaranga Leta Zunzubumwe z’Amerika zizokoresha mu mwaka w’2014. Aho muri iryo tegeko, impari hagati y’izo mpande zikaba zari zihagaze ahanini ku madeni ya Leta Zunzubumwe z’Amerika hamwe n’umugambi wazanywe na Barack Obama. Uwo mugambi akaba ari uwo kuvuza abatishoboye. Uruhande rw’aba repubricain rukaba rugomba kugabanya cane amahera Leta yokoresha kugira amadeni ntiyiyongere. No mukugabanura amahera Leta yokoresha mu 2014 hakaba harimwo ukuraba ukuntu umugambi “Obamacare” wosubirwamwo, ivyo uruhande rw’aba democrae batemeranagato.
Itorwa ry’iryo tegeko rikaba ari iryimfatakibanza kuko muri nzero hazosubira kwirwa itegeko ry’amahera Leta Zunzubumwe z’Amerika zizokoresha. Aho rero bikaba biteye impungenge kuko umugambwe w’aba repubricain naho uvuga ko watsinzwe muri iryo torwa, uvuga ko uzobandanya urwanya uwo mugambi wa Obamacare. Ariko nubwo biruko, itorwa ry’iryo tegeko ryakiriwe neza n’abanyamerika na cane cane abari batakaje akazi muri iyi minsi 16 hari amaze izo nzitizi.
Abagira ubushakashatsi ku kuntu aba na bariya bemewe muri ico gihugu, bavuga ko Obama kumwe n’umugambwe wiwe ugira igikundiro cane mu banyamerika gusumba umugambwe w’aba repubricain. Mwomenya kandi ko Leta Zunzubumwe z’Amerika zahomvye ama miriyaridi y’amadorare muri iyi minsi 16 ubuzi bumwe bumwe buhagaritswe. Ico bikoze, kuva izo nzitizi zikemuwe vy’imfatakibanza, amasoko mpuzamakungu akaba yaciye anaguka.
INGABIRE Luc-Noël