Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Abaririmvyi karuhariwe bazohurira mu giteramo categuwe na Ikoh (...)
Abaririmvyi karuhariwe bazohurira mu giteramo categuwe na Ikoh Multiservice
jeudi 6 Munyonyo 2014
Inzu y’ubuhinyanyuzi Ikoh Multiservice ririko ritegura ibiteramo, ni mu ntumbero yo kwegeranya abakunzi b’umuziki w’Uburundi hamwe no kwerekana aho umugambi "You’re love changes"ugeze. Abamenyeshamakuru n’abaririmvyi bo mu karere bazohishikira.
- I buryo Kidum, i bubamfu Raphael atanga amakuru muri Ikoh Multiservice
Nta kindi kiraje ishinga inzu y’ubuhinyanyuzi Ikoh Multiservice ataruko umuziki n’abaririmvyi bawo bashika ku rugero rwo mu karere ndetse na mpuzamakungu, uwundi mwitwarariko n’uko Abarundi ubwabo bamenya ibikorwa vy’umuziki bibera hirya no hino. Ni muri iyo ntumbero IKoh Multiservice iriko itunganya ibiteramo 2 bikurikirana.
Igiteramo ca mbere kizoba kw’igenekerezo rya 19 Kigarama, ntibizokworoha muri "Hotel Club du Lac Tanganyika". Kidum, Fariouz, Sat-b, Yoya, Natasha, T-Max bazobica bicike. Aha benshi bakibaza umuririmvyi azokwugurura ibirori. Hanze y’igihugu, hamaze kumenyakana umuririmvyi Rich MAVOKO azova muri Tanzaniya azananye n’umumenyeshakuru karuhariwe w’imico kama. Uwo wanyuma azoba azanywe no kurondera gukorana n’abaririmvyi b’Abarundi maze indirimbo zabo zize zisamirane gushika kure. Ico giteramo gitumiwemwo cane cane abo bita "VIP". Muri iyo ntumbero nyene, ikindi giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 21 uko kwezi nyene kizobera hafi y’isoko bita kwa Siyoni mu kibanza ca "Alpha CD Technology".
Muri ivyo biteramo, indirimbo ziriko zikorwa na Yoya, Samantha na T-Max baserukira umugambi "You’ll Love Changes" zizoshirwa ahabona. Mu makuru duhabwa na Raphael ajejwe gutanga amakuru muri Ikoh Multiservice, avuga ko indirimbo zishika 10 zamaze gukorwa. Ariko urukurikirana ruzoshika ku ndirimbo 13 kuko bongeyemwo abaririmvyi.
Narirya umwaka ugiye kurangira, IKoh Multiservice itegekanya kwagura imihora. Mu mwaka uza bategekanya gutanguza isabukuru rizotanga n’ubushimwe hamwe n’ibiganiro mu banyagihugu aho bazoshikiriza ibikorwa irya n’ino mu gihugu.
Cherif Nkeshimana
Messages
7 Munyonyo 2014, 02:49, par nkurunziza fleury ishmael
Yo ndahahombeye kuba ntarihafi, nkunda umuziki wacu birenze kidum Imana iguhezagire kubwitange werekana murakoze
14 Munyonyo 2016, 18:20, par Bukuru Simèo
Ndashigikiye Icogiteramo Mbegakizob Itarikizingahe Kizoberahe