Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzu yarahiye irahera muri komine ya Nyakabiga
Inzu yarahiye irahera muri komine ya Nyakabiga
samedi 26 Nzero 2013
Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013,inzu yarahiye irahera muri komine ya Nyakabiga yo mu gisagara ca Bujumbura.
Iryo sanganya ryabereye mu Nyakabiga ya mbere,ibarabara ry’icenda,inomero 28.Nk’uko vyamenyeshejwe na Pascal Nimpagaritse batazira Abas nyene iyo nzu,ngo hari mu gatondo ko kuri uno wa gatanu aho inzu yafatwa igasha.
Mu vyononekaye harimwo iyo nzu nyene,ibikoresho vyo mu nzu,hamwe n’ibindi vya nkenerwa vyose vyacitse umunyota.Iryo sanganya rero ngo ryoba ryavuye kw’ipasi yo kugorora impuzu yaturitse ica ituma umucanwa waduka muri iyo nzu.
Pascal Nimpagaritse akaba rero adashima ingene igipolisi co gukinga impanuka cavyifashemwo kuko kitigeze kiza gutabara,akaba yatabawe n’ababanyi biwe gusa.
Sylvere Bavumiragiye