Accueil > Amakuru > Mu makungu > Iraki : Abiyahuzi bagandaguye bamwe mu bantu bari mu bugeni
Iraki : Abiyahuzi bagandaguye bamwe mu bantu bari mu bugeni
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Abategetsi ba Iraki bamenyesha ko abiyahuzi batatu baturikije amabombe ahariko habera ubugeni, abantu bagera kuri 15 bahasiga ubuzima.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ryatangaje ko abantu 20 bakomeretse muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Ain al-Tamer.
Ico gisagara catewe kiri ku birometero bishika 50 uvuye mu gisagara ceranda c’i Karbala kirwiriyemwo Abayisilamu bo mu bwoko bw’abashiite.
Abo bategetsi ba Iraki bamenyesha kandi ko ata muhari uriyitirira ico gitero.
IGIHE