Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irani: Ikindi kinyamugigima cahabaye
Irani: Ikindi kinyamugigima cahabaye
mardi 16 Ndamukiza 2013
Inyuma y’indwi iheze habaye nyamugigima yahitanye abantu 40 mu bumanuko bw’igihugu ,Irani yasubiye guterwa n’ivyago vyi kindi ikinyamugigima gikomeye.
Ikigo co muri Irani kijejwe kwiga ivyago nk’aza nyamugigima n’ibindi caramenyesheje kuri uwu wa kabiri ko mu bumanako bw’igihugu ko igiherutse cari gifise ubushobozi bungana n’ibiharuro 7.5, inyuma y’indwi imwe aho nyamugigima ihitaniye abantu mirongo ine mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu .
Ikigo c’abanyamerika ciga isi ukuntu imeze caramenyesheje ko ico kinyamugigima cari gifise ubushobozi bw’ibice 7.8.
Ibinyamakuru vyo muri Irani ntivyashotse bivuga ubwo nyene ivyo iyo nyamugigima yahitanye ariko umwe mu barongozi mugabo atashimye ko bamuvuga izina yaramenyesheje ko ari ikinyamugigima gikomeye ca mbere kibaye inyuma y’imyaka mirongo ine iheze. Abayobozi b’ico gihugu bari biteze ko hahasiga agatwe abantu ijana.
Imirwi itanu ijejwe gutabara ikaba yararungitswe ng’aho muri Irani mu bisagara vya saravan na khash aho bagiye kwiga ivyoba vyarahononekariye,ivyo bikaba bivugwa n’uwurongoye umuryango utabara imbabare croissant rouge aho yabivugiye mu kinyamakuru ISNA.
Ariko mu gihugu kibanyi ca Pakistan abantu batanu nibo bapfuye.Benshi muba pfuye bakaba bahitanywe n’amazu yababomokeyeko,vyavuzwe n’uwurongoye ibitaro vyitwa Mashkail igisagara gihana urubibe na Baluschitan.
Ico kinyamugigima carumvikanye gushika muri Dubai. Ukunyiganyiga kw’iyo nyamugigima kwatanguye isaha cenda n’iminota cumi nine yarumvikanye muri pakistan na cane cane muri Islamabad aho inyubakwa zanyiganze.
Mu gisagara gikomeye cane ,karashi ,abantu benshi barahunze inzu barimwo zari zigeramiwe.Ukwo kunyiganga kukaba kwarumviswe kuva mu bihugu vya golfe gushika Dubai.
Floxella Karire