Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu baserukira amakungu bishikiye gukurikirana urubanza rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu baserukira amakungu bishikiye gukurikirana urubanza rwa (...)

Bamwe mu baserukira amakungu bishikiye gukurikirana urubanza rwa Mbonimpa

jeudi 5 Ruheshi 2014

Irenguka rya mbere rya Petero Karaveri Mbonimpa ryitabwe n’abantu isinzi kuri sentare isubiramwo imanza i Bujumbura, aho abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zima muntu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abamenyeshamakuru bava mu za Buraya na Amerika n’abo mu Burundi bari bahishikiye.

Igihe uwo arongoye ishirahamwe riharanira agateka k’abapfunzwe n’akazina muntu APRODH yashika, bikaba vyagaragara ko igiporisi cari cagavye, kuko amabarabara yose yinjira kuri iyo sentare nkuru hari hacungerewe rwose, ndetse abamenyeshamakuru bakaba bo, bitaboroheye n’ugufata amasanamu, kuko igiporisi gisa n’icaciye kibahindukirira, kirabahenanguza, kirababuza gukurikirana ukwo uyo mutama w’imyaka 66 ashikanwa muri sentare.

Umwe mu bamenyeshamakuru yaburagijwe ariko afata amasanamu

Bamwe mu banyagihugu bari bambaye umwambaro w’ibara ry’urwatsi rutoto, abatayambaye nabo bagapfuma baha amababi y’ibiti bitoto. Bavuga ko bipfuza ko uyo mutama arongoye APRODH yorekurwa. Umwe mu bakenyezi we akavuga ko gupfunga Mbonimpa, ari ugukwegera igihugu, kuko ari umutama w’imvugakuri, amakungu yose abizi, na rirya amaze imyaka avugira abantu bakurwa mu mabohero bakaja kwicirwa ahatazwi, canke bakaja gutabwa mu nzuzi, n’abandi bose bama bariko barahohoterwa n’igiporisi.

Abari ngaho, bakavuga ko, amakungu yokurikirana ivyo yavuze, amatohoza akaba kugira, ukuri kuje ahabona, abagirwa gutwara urwaruka muri Kongo n’abaha Imbonerakure ibirwanisho bafatwe bahanwe ku mugaragaro, nayo Mbonimpa akarekurwa. Mwomenya ko sentare iza guca iraba namba Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa mu masaha 48 akaburana yidegemvya canke akagumayo nk’uko yarungitsweyo n’icariho c’umukuru wa sentare nkuru ya Bujumbura Salvator Ndayiziga batazira Nyamizi.


Aristide Nizigire

Messages

  • NARIMVUYE RUGURU NJE KWISHUZA MURI FONCTION PUBLIQUE, NCANJA KURABA KURI PARAKE URUBANZA RWA MBONIMPA, NUMIWE !!!!!!!!!!!!!!! NDAVYE UKUNTU AYO MASHIRAHAMWE YIGENGA YIRIRWA ARIGISHA MUNTARA ZARUGURU KO ABABISHOBOYE BOMANUKA IBUJUMBURA GUSHIGIKIRA MBONIMPA, NKABANABONYE ABANTU BOBA BATANABABA 200 BARI BAHARI, NAKUBISWE NINKUBA !!!!!!!!!!!! KANDI NAKAMO KATEWE ABANTU NGO BAMBARE IMPUZU ZICATSI KIBISI, ABO NASHOBOYE KUBONA BAMBAYE UDUPIRA BARI 8 !!!!!!!!! RUGURU BATUBWIRAKO SOCIETE CIVIL IHURIKIYEMWO AMASHIRAHAMWE 3500!!!!!!!! IKIBAZONFISE NIKI !!!!!!! NONE AMASHIRAHAMWE 3500 ASERUKIRWA NABANTU BADASHIKA 200 ???????????? NIBURIBURI HARI KUBONEKA ABANTU 3500 BIKITWAKO ISHIRAHAMWE RIMWERIMWE RYASERUKIWE NUMUNTU UMWE!!!!!!!! NONE NAJUMARARIWE UBUNYENE NGIRA NSUBIRE IYO NAJEMVA, AREJO NZOTANGURA KUMENYESHA ABANYAGIHUGU BAHO MPEREREYE KO IVYO SOCIETE CIVIL IDUGA KWIGISHA ATARI IVYUKURI.

  • Kua umutama ntibikwiye vyoonyene e ko aca arekurwa. Sentare ni irabe ivyagirizo hamwe n’amategeko hama ice urubanza rukwiriye. Ataruko uwofatwa mwikosa wese yoca arondera icitwazo kugira asaabe kurekurwa. NAje noca mvuga ko mfise abbana bakiri bato cane ko atowabasumira hamwe mfashwe mwikosa kugir ngo sinje mu gasho.

  • nguma ndabivuga?bantu bubwenge buke!ngo waruvuye ruguru?!!kandi wari wibereye aho haruguru ya cathedrale muri SNR!kumafoto mbonye 12,genda kuri facebook uharure!hama naho yari kuba arumwe sukubabenshi ngo ukuri ngo guca guhindu.The time will tell!Abazoramba bazobona!

  • Barihenda cane kuko ubwinshi bw’abantu canke amasura y’abazungu siyo azotuma arekerwa aho ni itegeko rikora nahabwe impembo y’ivyo yakoze agende asazire ku musaga na kare boba bamuhaye akaryo ko gukurikirana neza abo akunda ahubwo ababajwe n’abamusabira kuvayo kandi atavyo ashaka hahaha!!! Ivyo vy’udupira vyovyo twabibony mu ndwi iheze aho atanumwe yavyumviye amahoni nayo baguma bacakir umwe umwe uzombwira ko babamdanya. Muroroshe guhenda nk’abana bato pe!!!

  • Erega salvator,kuba uri muri fonction public ntibisigura ko uzi ubwenge kurusha abandi!ahubwo aho wemanze ko uri ikijuju pure!umuntu akomeye araba iciyumviro,umugwi nuw’ ibijuju!uri mubatora umurongo wimiduga aho gutora umuntu!none aho wokwigisha ngwiki?

  • Abo Bazungu Wangu Bari Kwijob Kandi Bataje Ntibaronka Ico Bandika Muri Rapport Mensuel. Burya Wogira N’urukundo Rwinshi Utabizi. Kandi Uwutabazi Arababarigwa BAGUTEKESHA INKONO Y’IKINYOMA YAMARA GUSHA BAKAYIGUTANA. Ko mutama karaveri yoburana yidegemvya reka tubirindire kandi vyoba vyiza, ariko ntitwihende ngo présence ya barya bazungu hari ico yofasha. nabo ni bagende iwabo bavugire Mwenewabo Edward Snowden Amerika Yarenganije Mu Kumufungira Ubusa Kuk Yashiz Ahabona Umugambi Mubi Wo Kwumviriza Mwibanga<espionage> Yagirigwa Abantu Bo Kwisi, Bigahonyanga Agateka Ka Zina Muntu. Ko Tuzi Ko Muri Birya Bihugu Vyabo Hari Ihonyangwa Ryagateka Ka Zinamuntu Bikabije, Ariko Mama Wanje Ufite Inoti Akora Ico Ashaka. Ntiduhendane Bagenzi Nta Juru Riri Kwisi.

  • nimumbwire nukuri izina rumuntu numwe wumunyamakuru yavuye hano muri America.. kuvya mwandika iyinkuru nategereje ngo ndabe ko mbona iyonkuru kuri CNN amanso yaheze munzira.

  • MURAZOSHAKE MUTUMIRE ABASERUKIRA IBIHUGU VYABO MUBURUNDI BOSO BAZE KURI PARAKE, MBONIMPA AZOREKURWA UBUTUNGANE BUKOZE!!!!!!!!!! NONE ABO BARIBAJE KO BATAGIYE BAMUTAHANYE??????????? NGIRANUKO HONYANGAHONYANGA N’UWUSERUKIRA LETA ZUNZE UBUMWE Z’AMERIKA ATARI YAJE!!!!!!!!!!! HIHIHIHIHIHIII NIMUYASAMVYE!!!!!!!!!

  • IGIHE MURARABE NAMWE NTIMUZOHAVE MURWA MUMUTEGO WABANYAPOLITIKE!!!!!!!!!! NTANGAJWE NUKUBONA MUVUGA NGO ABANTU BARIBAJE KURORERA URUBANZA RWA MBONIMPA NGO BARI ISINZI!!!!!!!!!! BASHIRE MUBIHARURO TWUMVE. ABO BAZUNGU BARIBAJE KURABA AMAHERA BAHAYE PACIFIC, YABABWIYE KO AGIYE GUKERESHA IMIPIRA YOKWAMBARA MUMWIYEREKANO, NONE BASANZE YAMBAWE NABANTU 8 HIHIHIHIHIIIII

  • Uwomutama ubunihonkibibona kwatagira abagenzi! Raba ukwezikugombakugere atanumwe aramusabira imbabazi bose bakomejekuvugango nafungurwe atanakimwe gisabwe! aborero ngonibobagenzi! Ivyontacobishoboragutanga kumuntuyafatanywe itonga ahubwo vyongera kudashobona kumwihanganira nabusa shakubumaze imya 100 yamavuka bokomezakugutungira mugasho, kukonubundi bamurekuye yocayongera gutumako amafoto yabariko baricirwa mubihugu bitandukanye akayagereka kuburundi. Ubutungane bwuburundi abantunkabo mubahanemwihanukiriye kuko nabokuduta mukaga, raba ntacobadufasha iyohabayeho umuntu yitwaza ubudahangarwa agakorera ikosha mugihugu cacu mugihetwarituziko twese abarundi tuzokwamaduharanira igihgucacu kutavogerwa bobo batubwirango twakoze ibidakwiye gukorwa! Jewe nahorangira ngwabantu baba abansibigihugu ngobaba arabantu batarabenegihugu! none haniwacu birikobiribonekeza mubarundi ko umuntu ashobora kubumwansi wigihugu ciwe!!!!!!!!!!!!!!!

  • Abarundi abo bagabo BA Pacifiqu, mutabikuyeko muzoba mumbwira nukuri. Mbe mwumvise abantu avugako bazaha izo nyandiko bavuga. Abo nyene bavuga ko bazoha izo nyandiko bamwe nibo babatuma. Mugurishe ico gihugu iyo muzoja muzoharondera. Uru muntu wibuka ivyo abarundi twaciyemwo hanyuma ukumva ivyo Pacifique avuga woturika n’inzigo. Uwo mugabo iyo azodushikana tuzohabona

  • Maze kuboa abantu beshi bashigikiye ifungwa ryu Mutama mbonimpa. sinzi ico mwiyumvira? nabonye nabandi bavyuga Abazungo ko bari kukazi Ego mwavuz’ukuri kuko baza kugira bamenyeshe ababatumye ngo babaserukire aha mu Burundi uko bwifashe ariko nagomba kubamenyesha ko ibiriko biraba atari vyiza nagatoya inyifato ya Reta sinziza kuko mbonimpa ntiyari gufungwa ariko niyihangane azotaha namwe musubireyo kuko agasho nak’Abagabo bose hanyuma ivyo vavuze ntanakimwe yabeshe kuko ikivyemeza nuko baciye bihutira kumufunga atamatohoza abaye kandi hafunzwe Mbonimpa Ba Mbonimpa turiho ibiba vyose turabibona ahubwo mumenye ko mwese buca mu musubirira mukibanza namwe mu kinjire.

  • arega imvugaku riyami kuzira arina cogituma umuntu atopha kuvuga irya riryoryose ariko kandi umugwi ujejwe agateka kazina muntu nyabona nu mukurikirane bihwezi vyiwe nibabona atakosa rimwagira ahezare kugwe niyaboneka kwikosa aryemange arikokandi sentare ijejwe kubahi riza agateka kazina muntu yihwezi vyiwe hama imbone gufati gingo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.