Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "I Mashoka" imaze iminsi ironka ubushimwe itanga ubutumwa ubwa (...)
Ireresi "I Mashoka" imaze iminsi ironka ubushimwe itanga ubutumwa ubwa he?
vendredi 3 Gitugutu 2014
Inyuma yaho ireresi I Mashoka imaze iminsi itorwa mu kibanza ca mbere mu mareresi yo mu karere, Jean Marie Ndihokubwayo umwe mubayiteguye yashikirije iciyumviro yamukuru n’ubutumwa buri muriyo.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Jean Marie Ndihokubwayo afadikanije na Johan Delfander arongoye ishirahamwe "La Benevolencia" bashimiye uwo wese yagize ico aterera kugira iyo reresi ishike ku ntambwe igezeko. Nk’uko abo babivuga, "I Mashoka" yateguwe mu ntumbero yokuryohera abayiraba kandi ifise n’ubutumwa ije guha abayiraba. Ikindi n’ukwerekana abantu intambwe z’uko abahora babana neza bashobora gucanamwo iibintu bikunyuka kubera ibi canke biriya. Mw’ireresi I Mashoka" amazi n’iyo yabaye inyendamuvano wo gucanamwo hagati y’abanyamazi n’abagabuza.
Ireresi irerekana ko urukundo rushobora kuba ikigwanisho gitsinda ubudasa bw’abantu, ivyo bibonekera k’urukundo umukobwa "Kamikazi" yakundanye n’umusore Nijimbere rwarengeye ukudasangira ubwoko bw’imiryango bavamwo.
Jean Marie Ndihokubwayo avuga ko naho "I Mashoka" irindiriwe n’abarundi benshi, ntiharagera ko bayerekwa kuko ikiriko irahiganwa mu masabukuru akomakomeye azobera muri Amerika, Burkina Faso, Ububirigi n’ahandi. Si ugukengera Abarundi canke abo bose bayipfuza n’uko amategeko yo guhiganwa abitegeka. Ishobora kuzotangura kwerekanwa mu mpera z’umwaka w’i 2014 canke mu ntango z’umwaka wa 2015.
Mwomenyako "I Mashoka" yanditswe n’abantu 6 ikorwa ku buryo butanzwe n’ishirahamwe "La Benevolencia" na "Netty Communication". "I Mashoka"imaze kuronka ubushimwe 2, kamwe yaronse mw’isabukuru ry’amareresi ryo mu Burundi "Festicab" no mw’isabukuru riherutse kubera muri Tanzaniya "Arusha African Film Festival".
Amwe mu mashusho yafashwe igihe hariko hakorwa ireresi ’I Mashoka’.
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Gitugutu 2014, 23:42, par Gicocoro
Felicitation Jean Marie!komerezahonyene!
4 Gitugutu 2014, 10:48, par handsomepapa@att.net
None amafilime yabo twoyaronka gute?