Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "Les Tambours Sacrés" irerekana ko ingoma yamanye ibanga rizwi na (...)
Ireresi "Les Tambours Sacrés" irerekana ko ingoma yamanye ibanga rizwi na bake
mercredi 15 Gitugutu 2014
Umwanditsi w’amareresi Joseph BITAMBA aherutse gushira ahabona ireresi yanditse ivuga ibijanye n’ingoma ntahangarwa" Les Tambours Sacrés". Ireresi yerekana ishusho imwe y’ingoma ntegerwa "Les Tambours sacrés"z’Uburundi n’ingoma ntegerwa zikoreshwa cane mico y’abahindi baba mu gihugu ca Canada.
- Joseph BITAMBA
Ireresi "Les Tambours Sacrés" canke "Ingoma Ntahangarwa" mu kirundi, yateguwe na Joseph BITAMBA. Iyo reresi ikora ku muzi w’ingoma z’i Burundi n’ico zari zimariye Abarundi imbere y’umuzo w’Ababirigi. Uwo yakoze ubushakashatsi, yasanze ari ibintu bitangaje aho zifise ibanga rishusha cane n’ingoma zivuzwa n’abantu bo mu bwoko bw’Abahindi baba mu ntara za ruguru muri gihugu ca Canada"Les premieres nations Canadiennes". Ivyo yabiboneye ku cubahiro cahawe abatimbo b’Abarundi igihe bagendera abo muri iyo miryango. Ica mutangaje n’uko muri iyo miryango ata muntu mvamahanga ashobora gukora ku ngoma zabo canke abone aho zibikwa kiretse abatimbo b’Abarundi. Joseph akibwira ko womenga ingoma ari ikintu gihambaye mu buzima bw’ibihugu vyubakiye ku ngoma ntahangarwa "Tambours Sacrés".
Joseph yateguye iyo reresi afatiye ku ntwaro ya cami aho umwami yavugirizwa ingoma canke zikavuzwa mu biringo bikomakomeye vy’igihugu nk’umuganuro, eka no muri iyo miryango umunsi mukuru usa n’umuganuro urahimbazwa, baranafise kandi n’ingoma ishusha na Karyenda( Ingoma nkuru y’ubwami bw’Uburundi).
Mw’ireresi "Les Tambours Sacrés" irabonekamwo umutimbo w’inararibonye Anthime Baransakaje azi vyinshi cane kw’ibanga ry’ingoma zo mu Burundi. Arerekana ko ingoma yamye ari ikimenyetso c’amahoro ari na co gituma zivuzwa mu bihe vy’umunezero canke bihambaye ku buzima bw’igihugu.
Joseph aremera ko ingoma z’Uburundi zitarata agaciro n’ikimenyetso ntahangarwa "sacré" cazo naho ibihe vyahindutse bamwe bakazivuza batazi uko ingoma zikozwe n’ibanga. Ati:" Ko ingoma yamye ari ikimenyesto c’amahoro n’umunezero ntawobuza ko zivuzwa." Ku bw’ivyo, Joseph yipfuza ko ireresi yoshikira abanyagihugu bose cane cane ikerekanwa mu masomero kugira urwaruka rugire iciyumviro ku bijanye n’ica arico ingoma z’Uburundi. Abipfuza kuraba iyo reresi bokwishikira mu kigo c’Abafaransa "Institut Francais du Burundi" aho izokwerekanwa kuva igihe c’isaha imwe z’ijoro.
Mwomenya ko Joseph amaze kwandika amareresi magufi "courts metrages" canke "films documentaires" zishika hafi 20, nyinshi murizo zimaze kuronswa ubushimwe ku rwego mpuzamakungu. Kuba atarakora ndende bita "long metrage", Joseph ati:" Gikuru si umwanya imara, gikuru n’uko iciyumviro n’ubutumwa bingana".
Cherif Nkeshimana