Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ireresi "Welcome Home" yanditswe na Joseph Ndayisenga batanguye (...)
Ireresi "Welcome Home" yanditswe na Joseph Ndayisenga batanguye kuyikina
dimanche 10 Ruhuhuma 2013
Ikigo ITULIVE gihingura amasanamu nico catumenyesheje ko ibikorwa vyo gukina iyo reresi vyatanguye.Umugambi w’iyo reresi ukaba waratahukanye itsinzi kw’ihiganwa HARAKA,ryateguwe na Canal France International.Iyo reresi ikaba izokwiragizwa n’ikigo c’u Bufaransa.
Nkuko Akeza.net ibivuga ngo Iyo reresi ivuga kuri Cedric n’umuryango wiwe batahukanywe mu gihugu cabo c’u Burundi bavuye i Amsterdam.Mu gihe bari bazi neza ko bazosubira i Amsterdam nk’uko bari babisezeraniwe n’umugenzi w’uwuserukira igihugu c’u Buholande,babwira abagenzi ko bari ngaho mu kiruhuko. Baca babandanya ubuzima nk’ubwo abanyaburaya kugirango bagumane imibereho yo muri Holande.
Inyuma y’aho akiniye amareresi atandukanye i Bujumbura,Joseph Ndayisenga aherutse gutahukana agashimwe kw’ireresi yitwa« NITWA REHEMA» mw’isabukuru FESTICAB rigira kane.
Marie Cliare Ingabire