Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irindi hinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi i Ngozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Irindi hinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi i Ngozi

Irindi hinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi i Ngozi

mercredi 26 Kigarama 2012

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 kigarama 2012,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaruguruye ku mugaragaro ihinguriro ry’ibinyobwa Brewery mu ntara ya Ngozi rikaba rizohingura amazi,inzoga ziva mu bitoki n’umutobe uvuye mu vyamwa.

Iri hinguriro ryubatswe n’abarwizatunga bahurikiye mw’ishirahamwe Farmer trade company riri muri Komine ya Ngozi y’iyo ntara nyene.
Nkuko umuyobozi mukuru w’iryo hinguriro Burundi Brewery Jean Christian Kavakure akaba n’umuririmvyi azwi kw’izina rya John Chriss yabimenyesheje ari kumwe n’uwurongoye urwego nshingwantwaro barashimiye cane abagize ico baterera mu nyubako y’iryo hinguriro hakaba harimwo ishirahamwe ry’abadagi riraba ivyo amagara y’abantu PSI rikaba ryatanze amafaranga yababa umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi,hakaba n’ibanki y’ubudandaji Bancobu yatanze ingurane kubiyumviriye uwo mugambi.

Kubwo uwurongoye urwego nshingwantwaro yasavye reta ko yofasha na cane cane ibijanye no guteza imbere igisata c’ibiterwa bishobora guhingurwa na cane cane guhimiriza amabanki mu bijanye no gutanga ingurane ku bakora bene ubu burimyi.

Kubwo umukuru w’igihugu Nkurunziza ngo kuba harubatswe iryo hinguriro ni ikimenyetso ko abarundi bashobora guteza imbere igihugu cabo batarinze kurondera infashanyo mu makungu, yongeye amenyesha ko iri hinguriro riri mu bikorwa vyakozwe muri uno mwaka U Burundi bwahimbaje imyaka 50 iheze bwikukiye, akaba yabandanije amenyesha ko rizofasha mu gutanga akazi,kworosha ubushakashatsi eka mbere no mu kwinjiza amafaranga y’agaciro mu gihe ivyahinguwe bizoba bishowe hanze.

Umukuru w’igihugu akaba yarashimiye cane abarongozi b’iryo hinguriro yongera arasaba abandi barwizatunga baba abo mu mahanga canke abo mu gihugu ko bokora nk’ukwo mu zindi ntara.

Ibirori bikaba vyarangiye abarongoye iryo hinguriro bahaye akaganuke k’inka zibiri umukuru w’igihugu mu ntumbero yo kumushimira kuko ari nawe yabahaye ico ciyumviro, n’umukuru w’igihugu akaba yarahaye inka uwurongoye ihinguriro hamwe n’umukuru w’ishirahamwe Duteze imbere igitike, ishirahamwe rizoha ibitoki iryo hinguriro.


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.