Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Iruhande yo kuririmba arandika ibitabu agakina n’amareresi
Iruhande yo kuririmba arandika ibitabu agakina n’amareresi
lundi 27 Nzero 2014
Iruhande yo kuririmba, arandika ivyese akavyegeranya, akabigira igitabu kimwe. Si ivyo gusa, arakina n’amareresi amaze kumenyekana mu Burundi. Ivyo vyose abikora inyuma y’amasaha y’akazi ka minsi yose, nk’umuporisi w’igihugu c’Uburundi.
Uwo ni OP1 Pierre Nkurikiye icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi. Pierre Nkurukiye asanzwe ari umuririmvyi, arandika ibitabo. Ibitabo yandika abikura mu vyese yegeranya «Collection», maze akabikuramwo igitabo. Ku ruhande rw’umwanditsi w’ibitabo, amaze kwandika ibitabo bitatu. Igitabo ca mbere yise «Au fond de l’amour» canke «mu ntimatima y’urukundo» mu Kirundi, kivuga ku bijanye n’urukundo haba mu ngo, canke hagati y’abakundana. Ico gitabu rero Pierre atanga iciyumviro ciwe ku bijanye no gukundana. Igitabo ca kabiri yise «Burundi les larmes d’un Peuple» naco kivuga ibihe bibi igihugu caciyemwo, avuga kandi n’inzira Abarundi bocamwo kugira ivyabaye ntibisubire gushika. Mu gitabo ciwe ca 3, yavuze ubwiza bw’Uburundi no gukundisha abarundi igihugu cabo, aca acita «Un Burundi et on veut».
Pierre Nkurikiye ari mu barundi bake bafise akazi ka minsi yose, ariko akagakora n’ibindi vy’akamaro kuri we no ku gihugu. Iruhande y’ivyo bitabo, arakina n’amareresi. Kuva mu mwaka w’2012, uwo muporisi yinjiye mw’ishirahamwe «Etoile des Realistes sans Frontiers». Mu kibagane c’iryo shirahamwe «game and vision» gikina amareresi, Pierre amaze gukina amareresi 2. Iya mbere yitwa «Ubuzima», iyindi yitwa «Impano». Iyo ya nyuma iramaze kuboneka ku mboneshakure y’igihugu.
Tumubajije uko ibitabu vyiwe biboneka, Pierre Nkurikiye yishura avuga ko ivyo bitabu vyiwe vyakorewe mu nzu zisohora ibitabu «Edit livre», «Maison d’édition» y’i Saint-Denis mu gihugu c’Ubufaransa kuko mu Burundi amazu nkayo ataraboneka. Ivyo bitabu bigurwa amahera y’amanyaburaya 20,5 «20,5 euros», uwugikeye ari mu Burundi yandikira iyo nzu, ashobora ku kigura amahera agera ku 50.000 vy’amarundi.
Ku bijanye n’akamaro k’ivyo bintu akora iruhande y’akazi kiwe ka minsi yose, OP1 Pierre asozera avuga ko bimufitiye akamaro kanini n’aho gushika ubu atabona vyomutungira umuryango. Asaba rero Reta kwitaho gusumba abanyamwuga b’abarundi.
Cherif Nkeshimana
Messages
27 Nzero 2014, 16:10, par CLAY
N’akomere cane,uwo murundi w’umutima.
Ni incabwenge. rero ni yereke akarorero abandi,kugira ngo bamenye ko umwuga ari nkenerwa.
"ibikorwa biravuga gusumba amajambo."