Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru y’amareresi FESTICAB igira 6 yatangujwe icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Isabukuru y’amareresi FESTICAB igira 6 yatangujwe icese

Isabukuru y’amareresi FESTICAB igira 6 yatangujwe icese

samedi 14 Ruheshi 2014

Isabukuru mpuzamakungu igira 6 y’amareresi FESTICAB yaraye yuguruwe icese. Ivyo bikaba vyabaye ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu ku nkengera y’ikiyaga tanganyika. Abari bitavye ivyo birori bakaba bari benshi ugereranije n’iyindi myaka.

Ku kayaga gahuhera k’ikiyaga Tanganyika niho hatangurizwa isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB 2014. Uyu mwaka ukaba ugize uwa 6 iryo sabukuru riba. Abantu benshi bari bitavye ibirori vyo gutanguza iryo sabukuru, ibitahora biboneka cane mu myaka yaheze. Muri abo batumire, hakaba hari harwiriyemwo abakora imyuga itandukanye ijanye n’amareresi.

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’abanyecubahiro batari bake nk’umushikiranganji w’inkino n’imicokama, Adolphe RUKENKANYA, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ndetse n’abandi.

JPEG - 218.2 ko
Cynthia NIYONSABA, umuyobozi wa FESTICAB

Umuyobozi wa FESTICAB, Cynthia NIYONSABA, inyuma yo kwakira abatumire yarashimiye abadahengeshanya gufata mu mugongo iryo sabukuru ritera rikura kandi ryaguka uko umwaka utashe. Ikimenyamenya ni ubwinshi bwabitavye ivyo birori vyo gutanguza icese isabukuru ya 6 ya FESTICAB, icemezo gitangwa n’umuyobozi wa FESTICAB.

JPEG - 202.1 ko
Léonce NGABO, umukuru wa FESTICAB

Afashe ijambo, umukuru wa FESTICAB akaba nuwatanguje iryo sabukuru, Léonce NGABO, yahereye kwikora mugahogo aririmba « Sahiba », abatumire nabo baritabira. « Uko niko ngaragaje akanyamuneza mfise kuri uyu mugoroba », amajambo yavuzwe na Léonce NGABO. Uyo mukuru wa FESTICAB akaba yarahaye ikaze uwuzohagarikira isabukuru ry’uyu mwaka. Uwo nawe ni umupfasoni, Marie Laurence Nathalie Bunel-Gourdy, umukinyi w’amareresi w’umufaransa yakinye mw’ireresi « GITO l’ingrat » ya Léonce NGABO.

JPEG - 170.2 ko
Marie Laurence Nathalie Bunel-Gourdy, umukinyi w’amareresi w’umufaransa ahagarikiye FESTICAB 2014

Uwo mupfasoni Marie Bunel akavuga ko hari haciye imyaka 23 adahnyoje ikirenge mu Burundi. Mu rurimi rw’ikurundi akaba yivugiye ati : « TWESE HAMWE DUTERIMBERE NA FESTICAB ». Léonce NGABO nawe akaba yagize ati: “ Indoto yanje ni ukubona isabukuru FESTICAB ritubereye umuserukizi w’akaranga mu makungu yose ”.

Iryo sabukuru ryatanguye kuri uyu wa gatanu itarike 13 Ruhenshi 2014, rizomara indwi. Rizorangira kw’igenekerezo rya 20 Ruhenshi 2014. Mwomenya kandi ko muri ivyo birori vyo kwugurura iryo sabukuru herekanywe uduce tw’amareresi “GITO l’ingrat” ya Léonce NGABO hamwe n’agace ka “I Mashoko” ya Jean Marie NDIHOKUBWAYO na Pascal CAPITOLIN.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Kwibibintu arivyiza gayemwe? ndashaka kuzorondera uburyo notanguza umurwi ukina abareresi ahantuhamwe ngaha mugihugu cacu niyaba bidasaba uburyo burenze, nizereko nyakwubahwa Leonce Ngabo nabobakorana bagiyekuza arafatumwanya ukwiye wokubisigurira abarundi. Ndashaka ireresi yokuva igihe abarundi twarimubihe vyamacakubiri hanyu mugashiramwo ukuntu amakungu yatugiye hagati muburyo butandukanye nabasoda mvamakungu atibagiwe noneho abarundi bakatwumvikanisha bikazakurangira berekana ukuntu uyumusi umuhutu ashobora kurwanirira umututsi kugira ntarengane umututsi nawe akarwanirira umuhutu kugira ntarengane numutwa gurtyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.