Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru y’Abarundikazi b’abaririmvyi izokwerekana ico bashoboye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Isabukuru y’Abarundikazi b’abaririmvyi izokwerekana ico bashoboye

Isabukuru y’Abarundikazi b’abaririmvyi izokwerekana ico bashoboye

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi ririko ritegura isabukuru izokorwa mu gushigikira umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Abaririmvyi b’abarundikazi nibo bazoteramisha abantu.

JPEG - 43.3 ko
Bruno Simbavimbere arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi

Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 uko umwaka utashe amakungu arahimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi. Mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi, ishirahamwe ry’abaririmvyi b’Abarundi «Amical des Musiciens» ririko rirategura isabakuru izokorwa n’abaririmvyi b’abarundikazi.

Kuri iryo genekerezo, hazoba n’igiteramo kizobera muri «Hotel Club du Lac Tanganyika». Ibirori bizomara amasaha 2h30, kuva igihe c’isaha imwe y’ijoro, gushika isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Kwinjira ni amafaranga 20.000 y’amarundi. Abarundikazi b’abaririmvyi : Macarena, Samantha, Emelance, Lina na Natacha bazokwerekana aho umuziki w’igitsina gore ugeze, na kare ko ico giteramo bacitiriye «ururirimbo ry’igitsina gore» «la chanson Féminine.»

Amakuru dukura muri iryo shirahamwe amenyesha ko intumbero y’iyo sabukuru ari guhamagarira Abarundi bose kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi, biciye mu ndirimbo hamwe no kumenyekanisha abaririmvyi b’abagore.

JPEG - 72.4 ko
Emelance, umwe mubazoteramisha mw’isabukuru
JPEG - 59.1 ko
Samantha

Chérif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.