Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Isanamu nshasha ibonekamwo T-Max ariko ararima, Sat B agendesha (...)
Isanamu nshasha ibonekamwo T-Max ariko ararima, Sat B agendesha "Tukutuku"
mardi 10 Ruheshi 2014
Bamwe mu bihangange mu muziki w’Uburundi bafitaniye amasezerano na "African Sound Records" baragiye hamwe basohora ururirimbo ruhamagarira Abarundi bose gukura amaboko mu mpuzu bagakora. Eka n’abo baririmvyi baboneka bariko bakora ubuzi tutamenyereye ku bantu bafatwa nk’ibihangange.
- Ikimenyetso ca African Sound Records
Ururirimbo rwitwa "Abakozi" rwaririmbwe n’umurwi w’ibihangange mu muziki w’Uburundi na mpuzamakungu "Buja Super Stars" ari bo T-Max. Lolilo, Sat-B, Mkombozi, Happy Famba na Black G. Urwo ruririmbo rutera akamo Abarundi bose kuja ku kivi, bagakura amaboko mu mpuzu.
Isanamu (Video) y’ururirimbo abakozi ibereye ijisho, ibonekamwo abo baririmvyi bari mu mirimo itandukanye tutabamenyereyemwo. Uwuyiravye abonamwo Sat-B ariko atwara abantu muri ya modoka y’amapine 3 bita "Tuk Tuk", T-Max nawe akaba aboneka ariko araririma asa n’uwutabimenyereye, Mkombozi ari umutegetsi wo mu biro, Black G adandaza utuntu kw’ibarabara, Happy Famba nawe afasha umushoferi bamwe bita "convoiyeurs". Bose hamwe bati :"Akazi niko kazoza kawe."
Mwomenya ko abo baririmvyi bose bari mubaherutse kugirana amasazerano n’inzu ihinyanyura imiziki "African Sound Records". N’urwo ruririmbo "abakozi" niyo rwakorewe.
Umviriza wongere wirabire isanamu y’ururirimbo "abakozi"
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Ruheshi 2014, 13:31, par NKESHIMANA
Les clients de satan ,vs les verrez chaque fois faire des gestes avec deux doigts (index et majeur) mais il a fallut se souvenir que ca ne nous reste qu’un abces de afin le Sauveur revient. Pour cela ca serai malheureux à celui qui ne serait pas pret à l’acceullir.
29 Ntwarante 2016, 17:16, par Fiacle
Jewe Nshaka Gutora Izindirimbo None Nabuze Uk Ndabigira!
8 Myandagaro 2016, 21:19, par Nkunzimana Alexis
None Mukombozi Arihe Kinogihe