Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Isanamu ya mbere ya Mandosizo ica ibibatsi
Isanamu ya mbere ya Mandosizo ica ibibatsi
jeudi 19 Ruhuhuma 2015
Umuririmvyi Irakoze Elge azwi kw’izina rya Mandosizo yasohoye isanamu ya mbere yiwe kuva atanguye kuririmba.
Ibaye isanamu ya mbere y’umuririmvyi Mandosizo kuva atangura kuririmba, indirimbo afise si nke ariko yahisemwo gukora isanamu y’ururirimbo rushasha yise "Ivyo wigira". Iyo sanamu yakozwe n’umuhinyanyuzi w’amasanamu karuhariwe azwi kw’izina rya Fleury Pro. Icitabirizo c’ururirimbo gifise umu rappeur DJ Kolly. Mandosizo asanzwe azwi mu ndirimbo nka "KUA MAKINI, ABAGENZI BABI yakoranye na Franck G80, MAYATIMA na NKUNDIRA yakunzwe cane.
Tubibutseko bivugwa ko isanamu ya mbere y’urwo ruririmbo itashoboye gusohoka kubera uwufata mu mugongo Mandosizo"Manager"yaynse kubera umukobwa yarimwo yoba yari mubi bituma isubirwamwo.
Umviriza ururirimbo "Ivyo Wigira" urabe n’isanamu yakozwe na Fleury wo muri High Videoz
Cherif Nkeshimana