Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isanganiro Award 2013 yasozerewe n’igiteramo
Isanganiro Award 2013 yasozerewe n’igiteramo
samedi 13 Mukakaro 2013
Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2013 ihiganwa Isanganiro Awards ritegurwa na radiyo Isanganiro niho ryarangira.
Iryo higanwa rikaba rihuza abaririmvyi icumi umwe wese n’indirimbo yiwe iba yaratowe muzakunzwe cane mu mwaka, uko indirimbo zakurikiranye mbere n’uwatwaye iryo higanwa bakaba bamenyekanye mu giteramo co kurisozera cabereye kuri musee vivant, mu gisagara ca Bujumbura.
Imbere y’isinzi ry’abantu bari bitavye ivyo birori, umuririmvyi umwe umwe yaraja imbere gushikiriza indirimbo yiwe. Indirimbo yatowe ikaba iya mbere uyu mwaka ni « Urudubi » ya Mkombozi yafashijwe na Yoya, uyu akaba ari nawe yari yatwaye ico kibanza mu mwaka uheze.
Nk’uko umukuru w’insamirizi y’Isanganiro yabimenyesheje aho yashikiriza Mkombozi igikombe c’iri higanwa aho yaronse na Flash modem, telephone n’amakarita atandatu yo gushiramo, ibahasha y’amahera atavuzwe ingene angana, bakaba kandi bagiye kumara ikiringo c’umwaka bamumenyekanisha.
Gishasha muri uyu mwaka n’uko batanze agashimwe k’umuhinyanyuzi w’iyo ndirimbo yabaye iya mbere ariwe Amri Pro. Akaba yahawe imachini ( Lap Top) mu rwego rwo kumwereka ko nawe akazi kiwe mu muziki kitaweko kandi guhemba umuhinyanyuzi w’indirimbo ya mbere akaba ari ubwa mbere bishitse muri iri higanwa rya Isanganiro Awards.
Umukuru w’insamirizi "Isanganiro" yarangije ashimira abanyagihugu bose bagize uruhara mu gutorwa kw’izo ndirimbo, anashima cane abaririmvyi baryitavye.
Joel Sengurebe
Messages
14 Mukakaro 2013, 07:23, par Ciza hamadi
Kuba mukombonzi atsindiye isanganiro awards,ntagitangaza kirimwo guko kubwanje ndamubona mwubwenge nivyiyumviro vyubaka,ndamwipfurije guter’imbere nk’umuzinga.
16 Mukakaro 2013, 00:05, par Franck
kubona mukonzi ayitwaye ni vyiza kuko yari abikwiye kanatsinda ivyiyumviro vyiwe biraturyohera