IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isanganiro imaze imyaka 11 iriko irasamirana

Isanganiro imaze imyaka 11 iriko irasamirana

lundi 18 Munyonyo 2013

Imyaka 11 irarangiye insamirizi isanganiro isamirana mu ntara z’igihugu C’Uburundi. Abarongoye iyo nsamirizi bakaba bashima cane ibikorwa bimaze kurangurwa naho ingorane zitabuze.

Insamirizi Isanganiro yakwije imyaka 11 kuri iri genekerezo rya 18 Munyonyo. Umuyobozi w’iyo nsamirizi akaba ashimishwa n’ibikorwa vyaranguwe n’abamenyeshamakuru b’iyo radiyo hamwe mbere n’abakozi bayo muri rusangi, ku ruhara ntangere bagize mu gutanga ibiganiro n’amakuru vy’akanovera. Mu vyo baranguye muri iyo myaka, bakaba baragize uruhara ntangere mu kunywanisha abarundi mu bihe bitoroshe, Uburundi buhitiyemwo, bimenyeshwa n’uwo mukuru w’iyo nsamirizi. Iyo nsamirizi kandi yarafashije yaba abanyapolitike canke abajejwe ubutunzi, hamwe n’abajejwe intwaro batandukanye ku ruhara bagize mu gutanga amakuru ku mwanya abafasha mbere mu bikorwa vyabo vya minsi yose.

Vincent Nkeshimana umuyobozi w’iyo nsamirizi, amenyesha ko naho ashimishwa nivyakoretse, utugorane two ntitwabuze nk’akarorero, ikibazo c’uburyo carabaye intambamyi. Mu migambi ya kazoza bakaba bipfuza kwongereza ubuhinga mu minsi iza, iyo nsamirizi yoba isamirana mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi, Ikindi kandi baripfuza gushiraho ubuhinga ku buryo n’umuntu ari mu mahanga ya kure ashobora gukurikirana iyo nsamirizi kuri terefone ngendanwa. Ikindi n’uko iyo nsamirizi yo kwumvikana no mu bihugu biri hafi y’Uburundi. Ikindi naco ndetse gihambaye ni ukwo bagiye kwongerereza ubushobozi ku bamenyeshakuru kugira babandanye batanga amakuru y’akanovera kandi yizewe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.