IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iscam: Harakozwe ibibazo vya nyuma

Iscam: Harakozwe ibibazo vya nyuma

mardi 29 Nzero 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 nzero 2013 niho hakorwa ibibazo vya nyuma biha uburenganzira imikangara kwinjira mw’ishure kaminuza ry’igisirikare, ivyo bibazo vyari ibiharuro, igifaransa n’icongereza.

Mu ntara iyariyo yose hatowe imikangara cumi cumi ni ukuvuga ko mu gihugu cose hatowe abashika180 ariko bafatiye ku bwoko, abatowe bose hamwe bashika 182 mu gihugu cose. Muri bo harimwo abigeme 16 n’umutwa umwe. colonel Bizindavyi arongoye ikigo Iscam yavuze ko hari abashitse bacerewe ni ukuvuga isaha zitatu zirenga ariko ngo barabaretse barakora kuko bazi ko hari ingorane yo kwiyunguruza. Ivyo bibazo vyari bitegekanijwe gutangura 7h30 ati : « N’aho batanguye batevye nticabujije ko bigenda neza barabarekeye ayo mahirwe yo kwipima kugirango vyose bibe mu muco. »

Umuyobozi wa Iscam avuga ko mugukora ikibazo abanyeshure bose batangura kwandika ibibaranga n’ubwoko bwabo kw’ari abahutu, abatutsi canke abatwa mu nyuma bagaca banyegeza ivyo bibaranga ku buryo mugukosora bitaboneka bakabifukura bamaze gushirako amanota. Arongera ati : « Jewe simbona ko umukandida yohindura ubwoko kuko ico ni kimwe mubitegerezwa gusa n’ibiri kuri dossier yiwe yakorewe mu ntara aturukamwo.

Mugihe co kwiyandikisha uwuserukira igisirikare c’uburundi yari yahishikiye tutibagiye ubutegetsi. Ntivyasaba ko umuntu ahindura ubwoko kugira ngo agumane amahirwe yo gutorwa ico bazoraba ni ubuhinga n’ubukerebutsi bwabo,ubwoko bwabo ndetse n’ibitsina ».

Igitigiri c’abigeme nticabaye kinini cane ariko uretse intara ya Cibitoke itagira umukandida izindi ntara zose zagiye ziraserukirwa n’umwigeme umwe umwe. Muri Iscam nta gutoranya k’ubutoni umwigeme azoba akwije amanota asabwa niwe azotorwa kandi komanda yarabateye intege abasaba gukorana umwete kugirango bazomenye bose atanumwe avuyemwo bitume baserukirwa bikwiye. Akizera ko muri kazoza igitigiri c’abakandida b’abigeme kizogenda kiriyongera.

Kuri uyu wa kabiri hategekanijwe ikibazo co kunonora imitsi nayo abakandida bashika 182 barakosorwa. Ku musi wa gatatu niho bazohabwa impapuro bakoreyeko umwe wese mu bakoze azoraba niyasanga haraho bihenze mugukosora ace agaruka bamutunganirize.

Mu nyuma bazobapima indwara kugira barabe ko bafise amagara meza kuko icivugo ca Iscam kivuga « Dukeneye ababishaka ariko babishoboye »
Ivyo bisigura ko uwuzogaragara ko afise ubumuga na buto atazokwemererwa kwinjira muri Iscam mu nyuma ku munsi wa kane nk’uko bivugwa na coloneli Bizindavyi niho hazoshikirizwa urutonde ntabanduka.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.