IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishavu niryo ryabatumye bashira igikiriza cabo hejuru

Ishavu niryo ryabatumye bashira igikiriza cabo hejuru

mercredi 2 Gitugutu 2013

Kuva aho abasanzwe badandaza ibitenge mw’isoko yo kwa Siyoni bugariwe n’ikigo OBR bagirizwa ko binjiza ivyo bitenge mu Burundi ata matagisi barishe, n’ubu ivyo bibanza birugawe, abo badandaza bakaba bidoga ko inzara igiye kubica kuko bamaze igihe batariko baradandaza, bagasaba Leta ko ivyo bibanza vyokwugururwa, kuko amabanki basavye ingurane bayariha ku munsi ku munsi.

Bamwe muri abo bahora badandariza ibitenge muri ivyo bibanza, tukaba twabasanze bariko barakina amakarata, abandi nabo bicurikiriye, ubona ko bababaye. Abo bose bakaba basavye ko naho bugariwe ko atamatagisi y’ibidandazwa vyabo bariha, nyabuna abapolisi hamwe n’abakozi b’ikigo OBR bofatwa, bakabazwa kuko ivyo bitenge aribo babizana.

Ku kibazo c’uko abakenyezi badandariza mw’isoko kwa Siyoni biyambuye impuzu maze bagatuka n’abapolisi, umwe muri abo bakenyezi twahasanze akaba yatumenyesheje ko rirya ryari ishavu, kuko bamwe muri bo bahishije ivyo badandaza mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuwa 27 Nzero uyu mwaka, mu gihe ubu naho bari bumvise ko bagire batwarwe ibintu bariko baradandaza, kandi mu kubironka barinze gusaba amadeni amabanki, ivyo ari navyo vyatumye abo banyagihugu batwarwa n’agashavu bumva bokwambura impuzu zabo bakazita.

Muri iki gihe abo badandaza bakaba batagira ayo bacira nayo bamira, kuko ikigoyi arico kigiye kuzobomora. Ariko rero, bakaba barindiriye ikizova mu nama izoba ejo, iyo nayo bikavugwa ko izobahuza n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Birababajekubona Igihugu gotahwa nabitwa ngo nabashingantahe abandi nabo bakigira ngo nabapasitori ngobasenga cane bakanaririmba cane arinabo birigwa baraki yogeza nigipolice cabo raba nkabo bavyeyi bakubiswe bakamburwa nutwabo,

  • Birababajekubona Igihugu gotahwa nabitwa ngo nabashingantahe abandi nabo bakigira ngo nabapasitori ngobasenga cane bakanaririmba cane arinabo birigwa baraki yogeza nigipolice cabo raba nkabo bavyeyi bakubiswe bakamburwa nutwabo,

  • Igihugu cabananiye nibemere bagitange kuba shobora kukirongora

  • ntakwitwaza ngo bashize amabere hejuru kubera ishavu kandi bazi neza ko bari mubashaka gutuma iterambere ry’igihugu cacu ridatera imbere, ahubwo bari bakwiye gukubitwa, birya bitenge bakabibaka vyose. barimenyereye kuvyinjiza babikenyereyeko, ukibaza ngo ni ibisusu binini naho bavyambariyeko. turashimiye OBR na police

  • ishavu ryicuwawe ryaheza rikigendera ntivyaribikwiye kwabo babamama bashiribikiriza vyabo hejeru nkuko mbona barikobigisha nabi abana kimwe obl ikorakazi kayo nibakomerezaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.