Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishavu riraniga ku bafundi b’indimo batararonka agashahara kabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ishavu riraniga ku bafundi b’indimo batararonka agashahara kabo

Ishavu riraniga ku bafundi b’indimo batararonka agashahara kabo

mercredi 18 Ruheshi 2014

Ishavu riraniga ku bafundi b’indimo bavuga ko bamaze amezi ashika kuri atanu bataronka agashara kabo.

Mu gihe bari bagumye biteze ko baronka agashara kabo, abafundi b’indimo bavuga ko amaso yaheze mu nzira, bakaba bakirindiriye utwo bita intica ntikize bahora baronka.
Ukwo kutaronka agahembo, bigatuma badashobora gukora igikorwa bari bajejwe co gukurikirana abarimyi mu kubasanga mu mitumba aho barimira.

Inkurikizi zica zibonekeza, ni uko abarimyi badasubira kugira umwete n’inguvu wo kurima kuko baba bataronse abafundi b’indimo babakurikirana, kandi bakabereka akarorero. Umwimbu rero muri ico gihe ntuheza uboneka neza uko wari witezwe. Bamwe mu bafundi b’indimo bakavuga ko bababajwe n’ako gahembo bamaze amezi ashika kuri atanu batararonka, bagasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kwiga ico ikibazo cabo.

Mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bakavuga ko ico kibazo c’abafundi b’indimo kizwi, kikaba kirimwo muvyo bariko barihutira gutotera inyishu. Muri ubwo bushikiranganji bakizeza abo bafundi b’indimo ko vuba ikibazo cabo kigiye gutorerwa inyishu.

Mu nama rukokoma y’igisata c’uburimyi n’ubworozi imaze iminsi iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura, izorangira ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 19 Ruheshi, niho hitezwe kuzobonekera inyishu z’ibibazo birangwa muri ico gisata c’uburimyi n’ubworozi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.