Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishengero Katorika ryasabwe gufasha mu matora
Ishengero Katorika ryasabwe gufasha mu matora
lundi 8 Nyakanga 2014
Mw’ishengero Katorika baremeza ko bagiye kuraba namba bozofasha umurwi CENI mu kurongora imirwi ijejwe amatora mu ntara no mu makomine, nk’uko uwo murwi wari wabisavye iryo shengero.
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa arongoye ihuriro ry’abasenyeri Katorika b’i Burundi akaba amenyesha ko ishengero Katorika rigiye vuba kuzotanga inyishu, aho rihagaze kuvyo basabwe n’umurwi ujejwe amatora mu Burundi CENI. Muri uyo murwi CENI, ukaba umaze iminsi watanguye ibiganiro, mu ntumbero yo kuzoshiraho abazorongora amatora mu ntara CEPI no mu makomine CECI.
Mukamenya ko mw’ishengero Katorika bamye bafasha mu matora, haba ayo mu mwaka w’2005 ndetse n’ayo mu mwaka w’2010, aho iryo shengero ryari ryatanze n’abarorerezi. Ariko kandi mukamenya ko bamwe mu banyamigambwe batandukanye na cane cane indongozi z’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD hamwe n’abiswe abakinya ba poritike, bagiriza umurwi CENI kuba uriko ukorera inyungu z’umugambwe uri ku butegetsi, abandi banyamigambwe bakumiriwe
Aristide Nizigire