Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishengero rya pentecote n’urunani rw’amashengero akorera mu kinama (...)
Ishengero rya pentecote n’urunani rw’amashengero akorera mu kinama barahuriye mu bikorwa rusangi
lundi 28 Nzero 2013
Nk’uko bisanzwe ku munsi wa gatandatu mugatondo hama haba ibikorwa rusangi n’ubundi rero kw’ igenekerezo rya 26 nzero 2013, ibikorwa rusangi vyaritabwe aho ishengero rya pentecote m’u Burundi rifise igikorane c’iminsi icumi kuva ku wa kane kw’igenekerezo rya 24 gushika itariki zitatu zukwezi kwa kabiri 2013 ryazindutse ryifadikanya n’abashitsi ndetse n’urunani rw’amashengero akorera mu kinama mu bikorwa rusangi.
Muvyo ukuri ico gikorwa cari kibereye ijisho aho wabona aba kristo bava mu mashengero atandukanye bitavye ku bwinshi kandi banezererewe ico gikorwa , ikindi canejereje abakristo ni ukubona bifatanije n’abashitsi bavuye m’u Rwanda kandi bakabikora babikunze ndetse bose bambaye impuzu zisa.
Niho abakristo b’abarundi batangara bati yemwe koko nivyo abanyarwanda mugukora ibikorwa rusangi mwarateye imbere kugeza hiyo hose! ariko rindira sha natwe mu minsi iza tuzobarusha kuko turamaze kubona akamaro kavyo.
Umwigisha w’ico gikorane Cyprien Hakizimana yaje ava mu Rwanda mw’ishengero rya A.D.P.E.R yaboneyeho kubwira abari aho ko igihe tugezemwo bidakwiye ko bigisha ibiri muri bibiriya gusa, birakenewe no kwigisha imigambi ya leta kugirango abantu bazimenye kandi bazitabe.
Ivyo bikorwa rusangi vyarangiye hakozwe ahantu hanini cane aho hakozwe isuku ni ku nkikuro ya komine Kinama aho nyene hariko habera ico gikorane ,haranasibuwe imifurege myinshi y’amazi hanatunganywa inzira iva aho kw’i komine ija kw’isoko mu kinama, Kandi vyose vyakozwe ku buryo bushimishije cane kuko uwabibonye wese yabishimye.
Mu nyuma y’ibikorwa rusangi abafashe amajambo bose barashimye ico gikorwa, banashima Imana yakibashoboje. Abanyarwanda bahawe ijambo bavuze ko bashimye cane ukuntu bakiriwe, banashimira umubano mwiza uri hagati y’u Rwanda n’u Burundi kuko ngo babona ko umugambi w’Imana uzotinda ugashika hagati y’u Rwanda n’U Burundi.
Baranashimiye aba perezida b’ivyo bihugu badasiba guteza imbere umubano mwiza wa bene gihugu n’abandi kukaba nkako amahoro y’abanyarwanda ari nayo y’abarundi .
Joel Sengurebe