IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AFJO ryahaye agashimwe abamenyeshamakuru bane

Ishirahamwe AFJO ryahaye agashimwe abamenyeshamakuru bane

vendredi 13 Kigarama 2013

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezi AFJO (association des femmes journalistes) ryatanze agashimwe ku bamenyeshamakuru bane bitanze kurusha abandi mu gutanga inkuru zijanye n’umukenyezi w’umwirimizi, mw’iterambere ihiganwa bise ‘’Prix genre et medias ku civugo ‘’femme rurale, pilier du developpement et de la paix’’.

Abamenyeshamakuru bane nibo baronkejwe agashimwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezi AFJO. Ku bwa Daniellla Niteka arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2010, bakoresha ihiganwa ku vyivugo bitandukanye. Intumbero n’iyo guha ikibanza umukenyezi w’umwirimizi nawe aboneke mu binyamakuru, abantu bamenye ivyo bashoboye, hamwe n’ingorane bahura nazo. Mu cigwa cakozwe n’iryo shirahamwe basanze ibice 46 kw’ijana vy’inkuru zikorwa n’abanyamakuru ari zerekeye abakenyezi bo mu gisagara ca Bujumbura.

Daniella Niteka atera akamo ku bamenyeshamakuru b’abakenyezi gukora cane ku nkuru zivuga abakenyezi b’abirimizi mbere n’abagabo nabo nyene, bagasabwa kwijukira izo nkuru, bakareka kwibanda ku vya poritike gusa canke ku nkuru zo mu gisagara.

Elyse Ingabire umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru IWACU’’ umwe mu baronse agashimwe, avuga ko ari akanyamuneza ntangere kubona yashoboye kuronka ako gashimwe. Ingabire Elyse akaba yakoze ikiganiro cerekana umukenyezi w’umurundikazi ingene abayeho kuva mu gitondo bugica gushika bwire. Atera akamo abamenyeshamakuru b’abakenyezi ko nabo bogira ishaka no gukora akazi bakiyumvamwo, akaba ijwi ry’abatarifise. Ku bw’iwe abakenyezi b’abamenyeshamakuru barashoboye mbere gusumvya n’abasaza babo.

Elyse Ingabire

Abaronse agashimwe akaba ari abamenyeshamakuru bane, Elyse Ingabire ‘’IWACU’’, Aline DUSABE Bonesha FM, Ernest Pablo Baryuwabo Isanganiro hamwe na Caritas Hicuburundi wa ABP ‘’agence Burundaise de presse’’. Umwe wese akaba yaronse akabahasha karimwo amafranga 500.000 y’amarundi.

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’abanyacubahiro batandukanye harimwo umushikiranganji wo kumenyesha amakuru umupfasoni Lewokadiya Nihazi, bamwe mu bavugizi bo mu bushikiranganji butandukanye, abari mu mashirahamwe yo kumenyesha amakuru n’abandi.

umushikiranganji wo kumenyesha amakuru

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.