Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe EPL rirashimishwa n’uko abanyeporitike bahunze bagiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ishirahamwe EPL rirashimishwa n’uko abanyeporitike bahunze bagiye (...)

Ishirahamwe EPL rirashimishwa n’uko abanyeporitike bahunze bagiye gutahuka

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Murwandiko Jean Marie Vianney Gahimbare, icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe ryiyemeje guteza imbere uburongozi yashikirije abamenyeshamakuru, ishirahamwe EPL ryishinze guteza imbere uburongozi nyakuri riragaragaza akanyamuneza rifise kubona abanyeporitike bari barahunze igihugu bagiye gutahuka.

Ku bwa Jean Marie Vianney Gahimbare, ngo amatora mu Burundi arakunda gukwega akarambaraye kubera abanyamigambwe batigisha bikwiye abanyagihugu amatora abereye kuko benshi bashira imbere inyungu zabo. Iryo shirahamwe rikaba risaba rero abo banyeporitike gutaha biteguye neza kuko igihe co kuvugana ku bibazo bikomakomeye no kubitorera inyishu cageze. Ivyo bibazo navyo ngo bikaba ari ivy’ubutunzi, ivyaporitike n’ivyubutungane bisigaye ari akananira abahinga. Ngo dukeneye rero imboneza zibushitse kandi zikunda igihugu kugira ngo tubivemwo.

EPL ikaba isavye rero umuryango mpuzamakungu ukore ibishoboka kugira abo banyeporitike bacungerwe neza. Iryo shirahamwe rikaba risavye reta nayo kutazobaburabuza nibataha ahubwo ize ibafashe kuja mu banyagihugu kugira ngo twumve abafise imigambi myiza. Rikaba risavye umurwi ujejwe gutegura amatora kuba umuhagarikizi mwiza, ntuze uhengame kugira abawugize bihe agateka bagatere n’igihugu cacu. Abarundi nabo rikabasaba gukubitiza agatima mpembero bamenye ko bategerezwa gutora indongozi zibigira neza imigambi yo kubateza imbere, kubaronsa umutekano n’ubutungane.

Twibutse ko abo banyeporitike baheruka kumenyesha ko bagomba gutahuka ari Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, Rehonarudo Nyangoma arongoye Cndd hamwe na Pascaline Kampayano yari yatanzwe mu 2010 na UPD-Zigamibanga ngo yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Agathon Rwasa yahoze arongoye umugambwe Fnl abicishije k’umuvugizi w’uwo mugambwe akaba yararahiye ararengwa ko atimirije gutaha kiretse ubutegetsi bwa Cndd-Fdd bumusubije umugambwe wiwe. Abwagiriza ko bwawumunyaze bukawushikiriza Emmanuel Miburo biciye k’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Edouard Nduwimana.

Kw’ifoto: Alexis Sinduhije arongoye msd, umwe mubagiye gutahuka


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.