IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe FIP riratewe amakenga n’amagara y’abapfungwa

Ishirahamwe FIP riratewe amakenga n’amagara y’abapfungwa

mercredi 12 Ruheshi 2013

Ishirahamwe FIP (Fraternité Internationale des Prisonniers) rigizwe n’ibihugu 124 vyo muri Afrika n’Uburundi burimwo kuva mu mwaka 2009, baratanguje kuva ejo ku bohero rikuru rya Mpimba ibikorwa vyo kuvura abafungwa bizomara imisi ibiri.

David Ninganza, umunyamabanga mpuzabikorwa w’iryo shirahamwe yamenyesheje ko ivyo bikorwa bizobandanya no mu yandi mabohero yo mu gihugu c’Uburundi, mu mabohero ya Rutana, Gitega, Rumonge na Ngozi. Yabandanije amenyesha ko uwo murwi ugizwe n’abaganga b’abadagi batatu n’abarundi batatu nyene bazogendura ayo mabohero yose bavura abafungwa indwara zitandukanye kandi bakoresheje imiti baje bavanye mu makungu.
Yabandanije ashimira Leta kubona yaremeye ko iyo miti ije kuvura abanyororo bo mu Burundi yinjira ata kori irihishijwe. Iyo miti ikaba ifise agaciro k’imiliyoni ijana na mirongo ibiri z’amafaranga y’amarundi.

Kubwa Edouard Minani, umuhuzabikorwa vy’imfashanyo mu bushikiranganji bw’ubutungane arashima uwo mutima w’iryo shirahamwe wo kugarukira ku bapfungwa, na cane cane ko abo mu Burundi batoroherezwa iyo barwaye kuko Leta ifise ubushobozi bwo kubavura bugera ku bice mirongo ibiri kw’ijana gusa.

Yarangije asaba n’abandi bagira neza ko boterera agacumu k’ubumwe mu gisata co kubungabunga amagara y’abapfungwa mu yandi mabohero yose yo mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.