Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwigeme azoba Miss Burundi 2015 agiye kumenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Umwigeme azoba Miss Burundi 2015 agiye kumenyekana

Umwigeme azoba Miss Burundi 2015 agiye kumenyekana

lundi 17 Munyonyo 2014

Ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi rije kunagura ihiganwa ryo gutora umwigeme wa mbere mwiza kandi aciye ubwenge. Itorwa rya Miss Burundi ry’umwaka w’2014 rizovamwo uwuzoba Miss Burundi 2015, riratandukanye n’uko vyahora bikorwa mu myaka iheze. Iyandikwa ryararangiye naho igitigiri cipfuzwa kitari bwashike.

Hari haheze imyaka 2 ihiganwa Miss Burundi ritabaye, iyo mpamvu yatumye ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi risaba ko ryotuganya iryo higanwa rigatako rikavyemererwa. Itunganwa ry’ihiganwa Miss Burundi 2015 riratandukanye n’uko ryahora rikorwa mu myaka iheze. Valery Muco arongoye iryo shirahamwe avuga ko bakuyemwo cane cane ibijanye n’ubwoko canke intara kuko biciye kubiri n’uko ayandi mahiganwa ndangakaranga canke y’inkino ategurwa mu Burundi. Valery Muco atanga akarorero ko no mu murwi nserukira gihugu w’umupira canke mu yandi mahiganwa bataraba ubwoko canke intara.

JPEG - 46.2 ko
Miss Melodie Mbonayo yatowe Miss Burundi 2012

Nk’uko bivugagwa na Valery, kuba rero haheze imyaka ibiri ihiganwa "Miss Burundi" ritabaye mu Burundi n’uruhombo runini kuko Miss Burundi yamye aboneka nk’uwuserukana no mu makungu ishusho nziza y’Uburundi, bigatuma kandi igihugu kiba nyabagendwa.

Kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2015 ritegurwa n’ishirahamwe "Miss Burundi Ikirezi" ryatanguye kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo, ryarangiye kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2014. Ibirori nyezina vyo gutora uwo mwigeme bizoba ari kw’igenekerezo rya 20 Kigarama, bizohuza abigeme 10 bazoba bashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa.

Mwomenya ko Ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi ryuguruye imiryango ku mwigeme wese w’umurundi yashaka kwiyandikisha, yasabwa kuba afise hagati y’imyaka 18 na 24, afise uburebure bungana imetero 1 na centimetero 70 (1,70m). Ikindi n’uko yoba yibona ubwiza, akaba aciye ubwenge, agororotse kandi yiyubaha.

Mwomenya kandi ko ihiganwa rya Miss Burundi ryaheruka muri Kigarama 2011 aho hatorwa Melodie Mbonayo nka Miss Burundi 2012. Ihiganwa rya mbere ryabaye mu mwaka w’2009. Uwuzotorwa uno mwaka azokwambikwa urugori rwa Miss Burundi 2015


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Havuga uwo bubezwe ! en principe umu Miss usanga muntu amubonye agira ati : ICOMUMPA ! ariko uyu n’uwo Nkubitisha "Haut les mains" n’inkoho , eka sinkorako !Mbega uBurundi bwabaye gute ?

    "Valery Muco arongoye iryo shirahamwe avuga ko bakuyemwo cane cane ibijanye n’ubwoko canke intara ... " Ridicule ! Mwakuye iki ? ivyubwoko vyariho n’ibihe ? Mr. Valerie Muco, muragira rero Miss Tusti ukwayo hama mugira na Miss Hutu ukwayo , hama na Miss Twa ukwayo... Ariko ntimugire du n’importe quoi .. Uwo Melodie simwiza nagato! Ahubwo ni Mubi cane gose! Raba nawe, none urimpumyi

  • Havuga uwo bubezwe ! en principe umu Miss usanga muntu amubonye agira ati : ICOMUMPA ! ariko uyu n’uwo Nkubitisha "Haut les mains" n’inkoho , eka sinkorako !Mbega uBurundi bwabaye gute ?

    "Valery Muco arongoye iryo shirahamwe avuga ko bakuyemwo cane cane ibijanye n’ubwoko canke intara ... " Ridicule ! Mwakuye iki ? ivyubwoko vyariho n’ibihe ? Mr. Valerie Muco, muragira rero Miss Tusti ukwayo hama mugira na Miss Hutu ukwayo , hama na Miss Twa ukwayo... Ariko ntimugire du n’importe quoi .. Uwo Melodie simwiza nagato! Ahubwo ni Mubi cane gose! Raba nawe, none urimpumyi

  • Uwo melodie Nihamwe IMANA itarobanura kubutoni ahandi ho ntaberey kwitwa izina miss Burundi.

  • Miss Burundi Ni Vizuri Kuchaguliwa, Kwakuwa Yeye Ni Mwezi Unag’aao Usiku

  • Uwo Mwigem Natat Ishans AHand Ho Ntakigend

  • uwo mu Miss ni mubi!! naho nakagendey!!

  • Eee!ha! Ndamaramaye mbonye uwo mu miss burundi 2015 binteye agahinda valley muco natangi mihoho ihiganwa atunganya ririmwo ibiturire twebwe turi abarundi turazi abakobuburundi kwaribeza nareke kumaramaza iburundi mumakungu ngobwarabuze umukobwa mwiza uwo Melody nibaza koyamushimye wenyene ntakuntu yosigura kuwo ariwe mukobwa mwiza dufise ahohoho nanje nzitoza nyimba abasagutyobatorwa ntacobuza batantora naho ndi umuhungu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.