Accueil > Inkino > FOOTBALL > Play International yatanze imipira izokwizwa ku mitumba yose n’amashuri yo (...)
Play International yatanze imipira izokwizwa ku mitumba yose n’amashuri yo mu gihugu cose
vendredi 12 Kigarama 2014
Ishirahamwe mpuzamakungu "Play International" ryatanguje umugambi wo gutanga imipira y’amaguru mu gihugu cose. Kubw’ishirahamwe, inkino z’umupira w’amaguru zifasha guhuza urwaruka rw’aba urwiga canke urutiga kugira ruronke ico rukora c’akamaro.
- Alexis Bourges aserukira Play Internatinal mu Burundi
Imipira y’amaguru yatanzwe n’ishirahamwe "Play International" nk’imfashanyo yasabwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama ingana ibihumbi 27600. Igikorwa co gutanga iyo mipira catanguriye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishuri ryo kuri Saint Michel, aho haciye haba n’urukino rwakinywe n’abana bo mu mwaka wa gatandatu.
Ngendakumana Claver yaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura ari nawe yari ahagarariye urwo rubanza, yamenyesheje ko igisagara ca Bujumbura caronkejwe imipira y’amaguru itatu kw’ishuri (ay’isumbuye nay’intango) hamwe n’umwe ku mutumba (quartier). Abandanya avuga ko imipira igiye kuzofasha gukurikirana urwaruka cane cane mu bihe vy’uburuhuko. "Igihe c’uburuhuko ni kibi ku rwaruka kuko babuze ikibatwara umwanya c’akamaro, baca baja mu bitagira akamaro haba mu busambanyi canke kunywa ibiyayura mutwe." Claver asanzwe arongoye umurwi w’umupira w’amaboko wegukira igisagara ca Bujumbura (Bujumbura Uwezo wa Ndani) "BUN" ashimikira ku kamaro k’inkino haba ku magara y’abakuze canke abato.
- Claver yaserukiye Mairie ya Bujumbura
Uwimana Jean Bosco batazira Lombardo, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Play International, asigura akamaro k’inkino mu kurondera amahoro no kubabarirana afatiye ku rukino rwahuje abana bo kuri iryo shuri. Urwo rwerekana ko iyo umurwi uriko ugira amakosa menshi mu rukino bituma utsindwa kuko amakarata atukura aba menshi bigatuma abakinyi basohorwa mu kibuga hagasigara bake. Lombardo asigura kandi ko urukino rw’umupira w’amaguru rufasha guhindura ivyiyumviro, kuko ari ihiganwa rizira ikibi, ihiganwa ry’ubuhinga aho kwinjiza bidasaba ko umukinyi abanza kugirira nabi uwo badasangiye umurwi. Muri kazoza, ishirahamwe ryahoze ryitwa "Sport Sans Frontieres" rizotegura inkino mu karere kugira urwaruka ruhanahane ubumenyi biciye mu nkino.
- Uwimana Jean Bosco umuhuza bikorwa muri Play International
- Uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka inkin n’imico kama
- Abana bahejeje gukina bariko baratamba
- Imwe mu mipira y’amaguru izotangwa
- Uwaserukiye Mairie ashikirijwe umupira
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Kigarama 2014, 22:55, par Nwari
Yaaaaaaaaaaaa bacabayigurisha ejo mugatondo yaaaaaa iyo muyotangira heeeeeee mwahaye mairie????????yaaaaaaa