Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi
Ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi
lundi 11 Munyonyo 2013
Mu ntumbero yo kurwiza umwimbu w’icayi, ishirahamwe PROTHEM ryaratanguje umugambi mushasha wo kuzana mu Burundi ubwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi. Ubwo bwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi caje kiva mu gihugu ca Kenya kizofasha kuronka umwimbu urengeye kure uwahora uboneka.
Bayaganakandi Epitace, arongoye ishirahamwe PROTHEM amenyesha ko agereranije n’umwimbu abarimyi b’icayi bahora baronka, inyungu iraboneka. Ku hegitari imwe gusa hahora hava itoni zitanu, ubu zigiye kuduga zishike ku toni 30. Nk’uko yabandanije abisigura, icamutumye yiyumvira kuzana ubwo bwoko bushasha bw’igiterwa c’icayi ari ukubona ata bushakashatsi bukwiye bukorwa kugira barondere ibishasha.
Intumbero y’ishirahamwe PROTHEM rero ni ukurondera ukuntu umunyagihugu w’umurimyi yotezwa imbere mu kurondera ibiterwa vy’agaciro. Bayaganakandi Epitace, umuyobozi wa PROTHEM amenyesha ko ibibanza ubwo bwoko bw’icayi buzorwirizwamwo bwamaze gutegurwa nko mu Kigarama, komine Ndava, komine Ryansoro (Gitega), i Matana, i Songa, mu Rutovu (Bururi) hamwe no mu ntara ya Mwaro.
Mw’ishirahamwe PROTHEM bamenyesha ko intambwe ikurikira azoba ari ugushigikira abo barimyi mu kubaronsa ingurane zobafasha kurangura imigambi yabo.
Egide Nduwimana
Messages
11 Munyonyo 2013, 10:48, par Muhanuzi
Ngabo rero abo tuba dushaka bafise imigambi myiza!
Nayo ba Mpemuke ndamuke babandanye barye abanyagihugu babicayeko
26 Munyonyo 2013, 23:44, par bugesera
ego vraiement uyo musoda aragerageza nubwo kahise kiwe nawe katera!!!Saipa n indege zitaguruka amatongo Gasekebuye etc...
i Mwaro nukuri mutore MRC nabandi mu kirundo mbona batora Minani kuko abatejeje kuru mu mafi ,,tu sais tous les moyens sont bons!!!
25 Munyonyo 2015, 19:26, par gaca nubunono
emwe nukuri nivyiza,muga dusaba agashirukabute uko umwaka urangiye nkuko O.T.B ibigenza,nkub buca igatanga.
25 Munyonyo 2015, 19:28, par gaca nubunono
emwe nukuri nivyiza,muga dusaba agashirukabute uko umwaka urangiye nkuko O.T.B ibigenza,nkub buca igatanga.