Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
REGIDESO : Ihagarikwa ry’amasoko y’amamiriyaridi 6 ku bw’ubunyonyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > REGIDESO : Ihagarikwa ry’amasoko y’amamiriyaridi 6 ku bw’ubunyonyezi

REGIDESO : Ihagarikwa ry’amasoko y’amamiriyaridi 6 ku bw’ubunyonyezi

vendredi 9 Nzero 2015

Ishirahamwe REGIDESO rijemwo amatara n’amazi, rimenyesha ko umwaka w’2014 ryitwaye neza, aho ndetse n’umwimbu wabonetse ushimishije.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, umukuru w’ishirahamwe REGIDESO akaba yamenyesheje ko umwaka w’2014 wabaye uwa mbere inyuma y’imyaka 18 yose, aho iryo shirahamwe ryashoboye kuronka umwimbu w’amafaranga angana n’imiriyaridi 7.898.550.543, mu gihe mu myaka yindi yose nko kuva mu mwaka w’1997 gushika mu mwaka w’2004, umwaka w’2007, 2009 kugeza mu mwaka w’2011 iryo shirahamwe ryamye mu ruhombo kuburyo ritashobora kwimbura namba.

Liberat Mpfumukeko umuyobozi mukuru wa REGIDESO, avuga ko ivyo vyose mu gushikwako hafashwe ingingo nshasha zijanye n’intwaro ibereye, aho harwanijwe ibiturire, amasoko ataco yinjiriza iryo shirahamwe canke arimwo amanyanga arahagarikwa angana no ku mamiriyaridi 6, mbere ubwoko bw’ubusuma bugera kuri 29 bukaba bwarafashwe mu bakozi b’iryo shirahamwe bahora bakoresha mu kwiba.

Liberat Mpfumukeko umuyobozi mukuru wa REGIDESO

Umukuru w’iryo shirahamwe akaba yabariye abamenyeshamakuru ko Reta ifadikanije n’abafasha Uburundi, bariko barakora ibishoboka vyose kugira harwizwe umuyagankuba n’amazi mu mihingo itandukanye, ko hari icizere ko mu mwaka w’2019 n’2020 atangorane y’umuyagankuba izosubira kuvugwa mu Burundi.

Mukamenya ko nk’uko umukuru w’ishirahamwe REGIDESO abivuga, hari amasezerano ariko arigwa, aho umuyagankuba ungana na megawatt100 kugeza ku 200 uzohora ukurwa mu gihugu ca Ethiopia, uwo mugambi bakibaza ko uzoja mu ngiro mu mwaka w’2020.


Aristide Nizigire

Messages

  • Komera Mutama DG wa REGIDESO utezimbere ishirahamwe n’igihugu hamwe n’abenegihugu baterimbere.

  • ntaco muriyo myaka iheze twara ronka umuyagankuba ubu vyitwa ko mwaronse umwimbu igisagara kizoronka umuriro 2020? iyuba urarondera umuti mfatakibaza igisagara kikaba kiraka.ubutuzorindira imigambi itaranatangura.mura rushe pe

  • Komera wewe mukuru wa REGIDESO turagukunda. jewe keshi iyumuntu avuze ibintuvyiza ndabisoma nkumva umunezero gusa usangantakunze kwandikavyishi bivuga kuvyo abayavuze munkuru mbampejeje gusoma zivyo abayatumbiye, keshirero uzosanga niyandikira ngo" wewe niwirambire, uyundimwanya nkavugango ’ turagushigikiye, tubarinyuma, tuerabakunda, nutundituntu turimumajambo yikirundi nka komera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.