Accueil > Ubutunzi > Ishirahamwe ry’abakukuruke ba INSS ntirishima umugambi wo guha umutahe (...)
Ishirahamwe ry’abakukuruke ba INSS ntirishima umugambi wo guha umutahe Amanda Drinks
vendredi 6 Nyakanga 2013
Ishirahamwe ry’abakukuruke mu Burundi ririyamiriza kubona INSS iri mu banyamitahe b’ishirahamwe Amanda Drinks ry’i Bubanza, rihingura ivyamwa, kuko bidahura n’intumbero iryo shirahamwe ryihaye yo gutegekaniriza kazoza abakozi.
Biheruka kuvurwa n’ishirahamwe OLUCOME ko INSS ( Institut National pour la Sécurité Sociale) yatanze umutahe ungana n’imiliyaridi cumi, zo gufasha gutanguza ibikorwa vy’ishirahamwe Amanda Drinks, ry’i Bubanza, rihingura ivyamwa.
Abakukuruke bo mu Burundi, biciye mw’ishirahamwe ryabo ARB (Association des Retraités du Burundi) bamenyesha ko gushira amafaranga angana gutyo mu mugambi udashoka uyasubiza bishobora gutesha INSS intumbero yihaye. Abo bakukuruke bashikirije ivyo bisunze ingene umwimbu w’ivyamwa uvana n’ikirere.
- Inyubakwa y’icicaro gikuru ca INSS i Bujumbura
Mw’ishirahamwe INSS, ku ruhande rwabo baragabisha ko ata mutahe baratanga kw’ishirahamwe Amanda Drinks. Ndaye Athanase Joshua, umukuru w’inama mpanuzwajambo ya INSS amenyesha ko uwo mugambi bakiriko barawiga kandi ko naho vyoshika bakawukora ata ntambamyi abibonamwo. Ku bwiwe, igikenewe nyabuna n’uko boba bakoze ivyigwa bikwiye bakaraba inzitizi zirimwo.
Egide Nduwimana