Accueil > Imibano > Ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa ryaranguye vyinshi mu (...)
Ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa ryaranguye vyinshi mu mwaka w’2012
lundi 21 Nzero 2013
Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero 2013,abanywanyi b’ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa (ASIBU),barakoranye mu ntumbero yo kwihwereza hamwe ivyaranguwe n’iryo shirahamwe mu mwaka uheze wa 2012,bongera bashira k’urutonde ibizokorwa mu mwaka w’ 2013.
Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru wa ASIBU,umukenyezi Rose Ndayiragije ngo iryo shirahamwe ryararanguye ibitari bike mu mwaka uheze w’ 2013.Muri ivyo,hakaba harimwo uko bafashije mu gikorwa co kuzana abahinga b’abashinwa bafashije mu kwigisha urwaruka rwagize ivyo bita movement d’ensemble mu gihe u Burundi bwahimbaza imyaka 50 yari iheze buronse intahe yo kwikukira.
Nayo mu bizorangurwa mu mwaka uza w’2013,umukuru wa ASIBU yamenyesheje ko bategekanya gusaba igihugu c’u Bushinwa kwakira abagira imyimenyerezo mu bijanye n’akazi mu gihugu c’u Bushinwa.
Ibirori bikaba vyarangiye abari bitavye ivyo birori basangira akarahuri mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mwiza w’2013.
Sylvere Bavumiragiye
Messages
21 Nzero 2013, 04:12, par cl
Waoh!nivyiza ko abarundi bari muri iryo shirahamwe bafasha abari inyuma yabo.Courage à la présidente!