Accueil > Poritike > Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika rigiye kurungika intumwa zizohagarikira (...)
Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika rigiye kurungika intumwa zizohagarikira amatora
dimanche 16 Munyonyo 2014
Ishirahamwe ry’ubumwe bw’afrika rizorungika abazoza guhagarikira amatora mu Burundi, zikazoshika mu kwezi kwa Kigarama.
Amezi atandatu imbere y’uko amatora yo mu 2015 agera, ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika rizorungika intumwa zizoza guhagarikira amatora. Izo ntumwa zikazoshika mu kwezi kwa Kigarama. Ivyo bikaba vyavuye mu mubonano wo kuri uno wa 14 Munyonyo 2014, wagizwe hagati y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza na Babacar Ndiaye asanzwe aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu Burundi. Izo ntumwa zikaba zizoba zifise uruhara rwo gukurikirana ingene amatora ariko arategurwa hamwe n’ibikorwa nyezina vyo gutora.
Abo bategetsi uko ari babiri bakaba baboneyeho n’akaryo ko kuganira ku vyerekeye umutekano mu Burundi uko wifashe muri kino gihe
Floxella karire
Messages
16 Munyonyo 2014, 19:53, par so
Nezacane mazetureke bamwe ba OLUCOME batifuza ko abatora yoba.
9 Kigarama 2014, 19:45, par IRASHOBOYE PRAYER
IMANA NTINANIWE NOKUDUTABARA KANDI IRAKUNDA ABARUNDI