IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryibutsa ko imyiteguro y’amatora ikeneye (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryibutsa ko imyiteguro y’amatora ikeneye icuka ciza

lundi 16 Ruheshi 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye Ambassadeur Smail Chergui umukomiseri ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bakaba bariko baganira ku vyerekeye aho umugambi w’amahoro n’umutekano ugeze muri kino gihe.

Umukomiseri mukuru ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yagendeye Uburundi, akaba yari aje kuraba intambwe Uburundi bugezeko mu mutekano n’amahoro. Inyuma y’uwo mubonano, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje iyo hagereje amatora, havugwa vyinshi bishobora guca ivutu, hakandikwa vyinshi vyerekeye igihugu, abanyeporitike rimwe na rimwe bashaka kwikwegerako mu kwerekana ko abandi aribo babi. Ni nayo mpamvu uwo mukomiseri yishikiye ku rubuga mu Burundi kugira yirabire ukuri n’ukutari ukuri ku bivugwa muri kino gihe.

Uwo mushitsi Smail Chergui yipfuje ko abarongoye igihugu boza baributsa ko amatora ari meza cane kandi ari ngirakamaro, kuko abanyagihugu bitorera inzego zihagarariye igihugu. Yibukije ko ata mutegetsi numwe akwiye kuzana icuka kibi yaba umunyaporitike, canke umunyamahanga.
Smail Chergui avuga ko yari aje kuraba utwigoro Uburundi bugezeko mu kugarukana amahoro n’umutekano. Smail Chergui akaba yashimye ibitari bike bimaze gukorwa mu kwitegurira amatora, nk’itegeko rigenga amatora riherutse gutorwa, ibikorwa vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara mu kwigisha kubana neza ku rwaruka ruhurikiye mu migambwe.

JPEG - 1.1 Mo
Smail Chergui, ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Uwo ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika arangiza amenyesha iryo shirahamwe rizofasha Uburundi mu myiteguro y’amatora, hamwe no mu mwanya nyezina w’amatora.


Floxella Karire

Messages

  • Mutama Claver Mbonimpa niba Pierre Nkurunziza atamukuje mu ibohero yamushyizemo akoresheje ubutabera bwiwe azakwegera Uburundi umuvumo ndetse inkunga nyinshi z’amahanga zizahagarara kubera ifungwa rye.

    Abarundi ni mugaragarize reta ko ibyo bakora ataribyo bareke mutama aburane atari mu ibohero ( Aburane ari hanze).

  • Mr. Smail Chergui, turizeye yuko wumvushije neza président Petero Nkurunziza icarico democration eka nabamwegereye. Twizere yuko notre président Nkurunziza amakungu amuhanze amaso. Uwibizi ni umuhisi Kadafi wo muri Lybia.

  • Irakoze reka politike kuko sumwuga wawa umwugawawe nukwigisha!ahubwo nsanze uri kijuju niyompanvu utazi nivyukora!!!

  • Reka kuba mwitiranya ibintu,umukuru w,igihugu yizewe nabarundi hamwe namakungu,kandi nibo bamutoye kandi nibo bafise uburenganzira bwokumwaka ico bamuhaye,wewe umjugereranya na kadafi urihenze caaane,igihugu sicana mugenzi,aha kiriko abagabo bijunja nijambo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.