IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryagenye uwusubirira Boubacar (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryagenye uwusubirira Boubacar Diarra

jeudi 9 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryagenye uwuriserukira mu Burundi no mu karere k’ibiyaga binini. Uwahawe ayo mabanga agiye mu kibanza cahoramwo Boubacar Diarra aheruka kuyavamwo.

Nkosazana Dlamini Zuma, umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Commission de l’Union Africaine) yagenye kuri uwu wa gatatu, uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi.

Arvin Boolel agiye kuba kandi n’uwuserukira iryo shirahamwe mu karere k’ibiyaga binini, asubiriye mu kibanza cahoramwo Boubacar Diarra aheruka kuva muri ayo mabanga, bikavugwa ko yoba yagirizwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ko ari ku murongo umwe n’ibihugu vya rutura mu kwankira Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu.

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bamenyesha ko Arvin Boolel aje kubandaniriza aho mugenzi we yari agejeje, mu bikorwa vy’ugukomeza amahoro, hamwe n’umutekano mu Burundi no mu karere k’ibiyaga binini.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.