Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika riranegura ukwikwega kwa Afrika mu gukora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika riranegura ukwikwega kwa Afrika mu gukora (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika riranegura ukwikwega kwa Afrika mu gukora muri Mali

lundi 28 Nzero 2013

Mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yakoraniye kuri uno w’Imana i Addis Abeba muri Ethiopie ibicishije k’umukuru w’ayo ahavuye yaraneguye ukwikwega kwa Afrika mu gukingira igihugu ca Mali.

Nk’uko umukuru w’igihugu ca Benin Thomas Boni Yayi yahora arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yamenyesheje ko anegura ukwikwega kwa Afrika mu bikorwa vyo gukingira igihugu ca Mali. Akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira igihugu c’u Bufaransa cafashe iya mbere mu gikorwa co gufasha muri Mali.Ivyo yabimenyesheje imbere y’uko ashikiriza uburongozi umukuru mushasha w’ishirahamwe nawe akaba ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopie Hailemariam Desalegn.

JPEG - 74.5 ko

Akaba yavuze ko yicuza kubera ibijanye n’ibibazo vy’umutekano mu karere aho abatari bake bigizayo ibindi bihugu vyoje gufasha mu guteza imbere umutekano.Igihugu c’u Bufaransa kikaba cafashije mu bijanye n’abasirikare kuva hagati mu kwezi kwa mbere babisabwe n’abategetsi b’igihugu ca Mali bivuye ko abagwanyi b’aba islam bariko baregereza umugwa mukuru Bamako kuva aho bafatiye uburaruko kuva hagati mu mwaka w’2012.

Mu kwezi kwa Kigarama,inama ya ONU ijejwe umutekano yari yasavye irungikwa ry’abasirikare mpuzamakungu muri Mali kugirango bafashe abasirikare ba Mali kugaruza akarere k’uburaruko.

Tubamenyeshe ko muri iyo nama higiwemwo ibindi bibazo muri Afrika, nk’ibijanye n’igihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo,Guinee-Bissau,hamwe no mu gihugu ca Centrafrika.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.