IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika: Umwaka wo kwisubiza agateka

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika: Umwaka wo kwisubiza agateka

jeudi 23 Rusama 2013

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryahimbaje imyaka mirongo itanu rimaze ritanguye kuri uno musi wa kane, ishirahamwe risanzwe rihurikiyemwo ibihugu mirongo itanu na bine.

Ni akaryo ko kurabira hamwe ibibazo bihanze Afrika, inyushu n’intumbero yo kazoza.
Bisunze amasezerano y’i Syrte, iryo shirahamwe mu ntango ryitwa “Organisation de l’Union Africaine” ryarahinduye izina inyuma y’aho ibihugu vyari birihurikiyemwo bisanze ridashitsa intumbero bari barihaye, rica ryitwa “Union Africaine” mu mwaka w’2002, ryiyemeza guteza imbere intwaro ibereye mu bihugu vya Afrika, kwubahiriza agateka ka zina muntu, kugarukira iterambere, kurwiza imigambi y’abanyamitahe b’abanyamahanga biciye mu mugambi NEPAD (Nouveau Partenariat pour le Développement de l’Afrique), n’ugushinga ibanki y’iterambere rusangi.

Mu kiganiro catanzwe n’abaserukira ibihugu bifise ubuserukizi mu Burundi bihurikiye muri iryo shirahamwe nka Rwanda, Nigeria, Kenya, Ouganda, Afrika y’epfo, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tanzanie na Somalia, uno musi mukuru icivugo cawo muri rusangi ni uguha isanamu nshasha Afrika.

Diarra Boubakar, umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yamenyesheje ko hageze ko Afrika igira urunani rw’intamenwa, yicarire ibibazo biyihanze kuko bisanzwe bizwi. Umwanya abanyafrika bamaze mu nzara urakwiye gutanga icirwa, bose bunze urunani barwanye ubukene bwugarije imiryango y’abanyafrika.

JPEG - 33.9 ko
Diarra Boubakar, umukuru w’ubumwe bw’Afrika mu Burundi

Kubw’iwe, ivyo birashoboka mu gihe ibice birenga mirongo itandatu vy’abanyagihugu bo muri Afrika ari urwaruka, bigasabwa ariko ko ruhabwa ubumenyi n’inyigisho bikwiye.

Uwo asanzwe ari intumwa idasanzwe y’akarere k’ibiyaga binini mu Burundi yabandanije ashikiriza ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryihaye ihangiro yo kugarukana amahoro mu bihugu vyo muri Afrika bikiri mu ndwane, kugarukira agataka ka Afrika gasanzwe gakamishwa n’ibihugu rutura, abanegihugu bagitubitse uwa vubi.

Diarra Boubakar yarangije amenyesha ko abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bariko barigira hamwe ibikorwa vy’iterambere rya Afrika, gutyo Afrika ntizokwame ifatwa nk’igihugu c’amapfa n’urupfu, aharangwa intureka n’indyane, ahubwo Afrika ironke isanamu nziza mu makungu, na kare ko bayamaze bati: “Akahise gategura kazoza”

Mu birori nyezina vyo guhimbaza uwo musi mukuru w’imyaka mirongo itanu ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, Diarra Boubakar yamenyesheje ko bazokora ibishoboka vyose kugira Afrika ironke iterambere, n’ibihugu bikiri mu ntambara bigarukane amahoro.

Kubw’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, ari nawe yaserukiye Leta y’Uburundi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryarafashije cane Uburundi igihe bari mu biganiro vy’i Arusha, yemera ko nabwo buzofasha umwanya uwariwo wose bizoba bikenewe, kanatsinda ko bwamaze gutangura mu mugambi wo gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya cugarijwe n’intambara.

JPEG - 5.8 Mo
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.