Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’ibihangange b’Intamba batumweko gutegura urukino rwa (...)
Abakinyi b’ibihangange b’Intamba batumweko gutegura urukino rwa Botswana
mardi 29 Ndamukiza 2014
Ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru (CAF) ryaratoye uko imirwi igiye kuzohura mu nkino zo mw’ijonjora ry’imirwi igiye guhiganirwa igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Maroc mu mwaka w’2015. Mu rukino rwa mbere, Uburundi buzohura na Botswana.
Kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ishirahamwe ry’Afrika ry’umupira w’amaguru ryaratoye uko imirwi igiye kuzohura mu nkino z’ijonjora. Umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba zizohura n’umurwi wa Botswana, hazoba ari kw’igenekerezo rya 18 Rusama aha i Bujumbura, urukino rwo gusubiza ruzoheza rube kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi muri Botswana. Intamba bishitse zigatsinda umurwi wa Botswana zizoheza zuhure n’umurwi uzoba watsinze hagati ya Centrafrike na Guinee Bissau. Uburundi bufise isemo ritoroshe. Hamwe Intama zorengana iyo mitego yose, zizoca zica mu murwi G urimwo ibihugu nka Egypte, Senegal na Tunisiya.
Kugira vyose bikunde, abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryifadikanije n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, baciye batumako abakinyi bose b’ibihangange bakina mu mahanga kugira baze gufasha bagenzi babo bari mu gihugu.
Abakinyi batumweko ni nka :
NTIBAZONKIZA Saidi akina muri Pologne
BERAHINO Saido akina muri Angleterre
BIGIRIMANA Gaël ari mu gihugu ca Angleterre
NDIKUMANA Yamin Selemani akina muri Albanie
NAHAYO Valery évoluant ari muri Belgique akaba ari kizigenza INTAMBA
HABARUGIRA David akina muri Belgique
KWIZERA Pierre ari muri Côte d’Ivoire
Papy Faty akina muri Afrique du Sud
NSABIYUMVA Fréderic ari muri Afrique du Sud
NDUWARUGIRA Christophe akina muri Mozambique
TAMBWE Amissi ari muri Tanzanie
KAVUMBAGU Didier akina muri Tanzanie
KAZE Gilbert nawe nyene Tanzanie
AMISSI Cédric ari mu Rwanda
NIZIGIYIMANA Abdoul Karim nawe nyene ari Rwanda
NDAYISENGA Fouadi ari mu Rwanda
NIZEYIMANA Johane ari Portugal
IRAKOZE Filose ari Suède
NZOKIRA Jeff ari Djibouti
Mwomenya ko Uburundi bufise ikibanza c’125 ku rutonde rwagizwe na FIFA, bukagira ikibanza ca 38 ku ruronde rwa CAF. Botswana bizohura nayo ifise ikibanza ca 91 ku rutonde rwa FIFA hamwe n’ikibanza ca 22 ku rutonde rwa CAF.
Chérif Nkeshimana
Messages
29 Ndamukiza 2014, 14:23, par Nzobaza athuman
Icambere mbanje gushima kuko mwatumyeko abanyi beshi twahoze dukunda icakabiri none kobose mwabatumyeko abasanzwe badinira mu burundi ntanumwe arimwo viza nabone bakwiye kuja kurutonde hamwe nabandi.
29 Ndamukiza 2014, 18:13, par ciza mugabo
MUTAMA NZOBAZA abonabo batumumyeko bavuye hakurya yamaziiiii uravye neza haziyongerako abakina mugihugu kurongera "IBITSINDO.COM’
29 Ndamukiza 2014, 19:40, par Nkuru
Nivyiza muzemuhorukonyene turinyumayanyu kimwe bashike hakirikare mugirimyitozo myinshi
mukosore cakibazo cukusanga abakinyi batababamenyeranye
ibisigaye tuzobihi Mana idufashe