Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe VONECOVIC ryarahaye imfashanyo abanyagihugu bo mw’Isare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Ishirahamwe VONECOVIC ryarahaye imfashanyo abanyagihugu bo mw’Isare

Ishirahamwe VONECOVIC ryarahaye imfashanyo abanyagihugu bo mw’Isare

mardi 16 Mukakaro 2013

Ishirahamwe Vonecovic « Voix Neutre contre les Violences et Injustice à travers les chansons » ryaratanze ku munsi w’Imana imfashanyo ku banyagihugu bo muri komine Isare, intara ya Bujumbura.

Vonecovic ni ishirahamwe ryatanguriye mu mahanga, ubu rikaba ririmwo abarundi bo mu Burundi no mu makungu. Kuva mu mwaka w’2007, iryo shirahamwe rirongowe na Angela Iroegbu-Shauer niho ryatangura gutanga imfashanyo ku miryango y’abatwa bo muri komine Isare.

Mu mfashanyo yatanzwe kuri uwo w’Imana n’ishirahamwe Vonecovic, baributse n’imiryango yo mu bundi bwoko atari abatwa ibayeho mu bukene. Abanyeshure bo mu mashure bararonkejwe ibikoresho vyo kw’ishure, abandi nabo bari bafise ingorane zo kuriha amafaranga y’ishure canke kuriha intererano y’urwubako rw’amashure bararihirwa. Ishirahamwe Vonecovic ryaratanze intererano y’akabahasha kazofasha mu rwubako rw’ishure rito rya Buhayira.

Imiryango y’abatwa n’abandi ba ntahonikora nayo ntiyibagiwe kuko barahawe imfashanyo igizwe n’amasuka, umunyu, amasabuni n’amakarata yo kwivurizwako (carte d’assurance maladie) yaguriwe abatwa n’abandi batagira amikoro.

Musitanteri wa komine Isare yarakengurutse cane izo mfashanyo zahawe abanyagihugu arongoye, cane cane ashimira umuririmvyi Minani Félicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat aba mu gihugu ca Norvège, akaba ari we yatanguje iryo shirahamwe, ari nawe kandi ariserukira imbere y’amategeko. Nk’uko yabandanije abishikiriza, n’abandi barundi barangurira imirimo yabo mu makungu bari bakwiye nabo kuza baribuka benewabo, bakabafasha muri bito vyobateza imbere, gutyo bakazana umunezero mu buzima bwa bantahonikora.

Minani Felicien « Femi De J’abat » asanzwe ari imvukira yo muri iyo komine ya Isare yamenyesheje ko ashimishwa no guterera mw’iterambere ry’igihugu camwibarutse, cane cane irya komine yamureze, aho mbere yahaye imfashanyo komine igizwe na mudasobwa (ordinateur), icuma gifata amasanamu, amakaramu, imipira yo gukina umupira w’amaguru, amasaha hamwe n’urukurikirane rw’indirimbo aheruka gusohora ruri muri album yitwa « Reka kwihebura ». Femit De J’Abat ati : « Nisunga akamo k’abategetsi bo mu Burundi gasaba abarundi baba mu mahanga kwibuka benewabo bakiri mu bukene »

Mwomenya ko ivyo birori vyaranzwe n’umunezero udasanzwe uvuye ku mvyino n’intambo z’abanyagihugu bo mw’Isare harimwo n’intambo zerekana imico n’akaranga vy’abatwa. Abaririmvyi rurangiranwa bari baherekeje Femi De J’Abat, inararibonye mu muziki w’Uburundi barabiciye biracika ku kibuga ca komine Isare. Aho mu twobabwira nka Mkombozi aheruka gutahukana « Isanganiro Awards 2013, Rally Joe, Titi Love na Divine Mugisha, umukobwa w’imfura wa Femi De J’Abat aheruka gusohora ururirimbo rwiwe rwa mbere yise « Shimira Imana »


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.