Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishule ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryigisha urwaruka ubuhinga bwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ishule ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryigisha urwaruka ubuhinga bwo (...)

Ishule ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryigisha urwaruka ubuhinga bwo gukina

lundi 28 Nzero 2013

Iryo shule ryigisha urwaruka ubuhinga bwo gukina umupira w’amaguru ryatangujwe n’umushingantahe Pierre Claver Rurakamvye.

Urwaruka ruri mur’iryo shule rutorwa mu bice bitandukanye vyo ku murwa mukuru Bujumbura, mu Burundi.

Umugambi w’iryo shule nk’uko president waryo Pierre Claver Rurakamvye Abega yabibwiye abamenyeshamakuru, n’ukwigisha urwo rwaruka ubuhinga bwo gukina umupira w’amaguru kugira ngo, urwo rwaruko ruzoshobore guserukira Uburundi mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru, imbere y’impera z’umwaka w’2017.

Umushingantahe Pierre Claver yaravuze kandi ku vyerekeye ukuntu iryo shule ryiyungunganya mu kurondera ibikoresho, hamwe n’ukuntu rikorana n’abarundi batari bake b’abagira neza, haba abari mu gihugu hagati canke ababa mu mahanga.

JPEG - 9.5 ko

Avugako akoresha ubuhinga ngurukana bumenyi ari bwo internet, yaciye agerageza kurondera abagenzi biwe bose bakoranye kugirango bamufashe akaba aribo bamufasha kumuronsa imipira nimpuzu zokwambara nibindi.

Amenyesha kandi ko batora urwaruka ruri hagati yimyaka 10 na 13,amenyesha kandi ko bamaze kugenda mumahiganwa atari make muburundi yabakiri bato.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.