Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishuri Burundi American International Academy rizotanga inyigisho zisa n’izo (...)
Ishuri Burundi American International Academy rizotanga inyigisho zisa n’izo muri Amerika
mercredi 13 Myandagaro 2014
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yaruguruye icese ishuri rigizwe n’amashuri mato mato n’ayisumbuye. Ishuri yubatswe n’ishirahamwe Aboundant Life Institute Burundi. Iryo shuri rigiye kuzoshimikira ku nyigisho zijanye n’ubuhinga (Science), ubuhinga bwa none (technologie), ibijanye n’inyubako ( Ingenieurie) hamwe n’ivy’ibiharuro (mathematique).
Ishuri Burundi- American International Academy( BAIA) rwaruguruwe kuri uwu wa kabiri na Gervais Rufykiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Ryubatswe mu nzu y’igorofa zitatu mu buhinga buhanitse, bisunga ico bazohigishiriza. Rizokwakira abana bato cane biga mu mashuri bita "Maternelle", abo bana bakazobatora mu mihana iwabo, bazogaburira, bongere babafashe vyose gushika basubire iwabo. Si abo gusa, eka n’abazokwiga mu mashuri yisumbuye barahise ikibanza. Abana bazokwiga kuri iryo shuri bazoronswa inyigisho zisa n’izitangwa mu mashuri yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Muri ivyo harimwo ivyigwa bijanye n’ubuhinga (Science), ubuhinga bwa none (technologie), ibijanye n’inyubako (Ingenieurie) hamwe n’ivy’ibiharuro (mathematique).
Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura icese iryo shuri, Gervais Rufyikiri ashikiriza ko ashima intambwe Uburundi bugezeko mu guteza imbere ibijanye no kwitaho inyigisho. Avuga ko ishuri Burundi-American International Academy( BAIA) rije ryiyongera ku yandi mashuri mpuzamakungu nka Ecole Belge, Ecole Française, n’ayandi. Kubw’ivyo, Gervais Rufyikiri ahamagarira abagwizatunga bo mu Burundi no mu mahanga gushira imitahe yabo mu bijanye n’amashuri kuko iruhande y’inyigisho z’akamaro, ico gisata kirinjiza n’amahera. Nk’uko iryo shuri ritegekanya kuzohora ritanga impapuro z’abana ba ntahonikora bazoja kwiga muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Gervais Rufyikiri arashimira ishirahamwe Aboundant Life Institute Burundi ku ciyumviro ciza nk’ico bagize.
- Gervais Rufyikiri ariko ashikiriza ijambo
Mwomenya ko ibirori vyo kwugurura iryo shuri vyatewe iteka n’abategetsi batari bake harimwo abarongoye amashengero aha mu Burundi, icegera c’umukuru w’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, hamwe umushikirangi w’inyigisho z’amashuri mato mato nay’isumbuye.
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Myandagaro 2014, 14:08, par Mama
Mbega ibintuvyiza!!!!! Ndababwira ko uwavizeko ejo ariheza ntiyabeshe. Hanyuma ndashimiye igihugu kibanyi ca Congo caturungikiye umutegetsi akomeye kuzagufatikanya natwe abarundi mwuwomunezero ntangere.
13 Myandagaro 2014, 20:16, par sinzinkayo Paul
Mbe yubatswe amaja he ?
14 Myandagaro 2014, 06:11, par claver
naho tutahazi tuhitirirwa biraduhimbara ibikorwa nkibyo kumbure tuzomera nkabandi
14 Myandagaro 2014, 16:08, par Emmastony Democrate Bdi
Ni Vyiza ariko uwanditse Inkuru ntiyatomoye neza. Bandika Guhera mumwaka wakangahe kubisumbuy ? Bakisha amahera angana gute, Coe 7(minerval)? Iryo shule rihererey majahe ? Ingen tworitora. Adress
22 Myandagaro 2014, 12:25, par Freddy
Ishuri riri mu kinindo munsi ya Kings conference center kuri Avenue du Large.
Ukeneye information hamagara kuri 78 15 15 15
26 Ndamukiza 2015, 16:16, par Uwizera hape ernest
Ni bon vraiment .si j’avais la chance?ereux pour vous pui ont la meux
19 Nyakanga 2015, 19:32, par RUZIGIVYUMA Janvier
NIVYIZA CANE.HAMA NASHAKA KUBAZA KO IYO SHUR IZOKORA NKIYEGAMIY LETA CANKE YIGENGA? MBE ABALIMU BAZOBA ARI ABARUNDI?SI OUI,QUEL CRITERE DE RECRUTEMENT?MERCI!