IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishuri kaminuza nderabigisha ENS riramutswa umuyobozi mushasha

Ishuri kaminuza nderabigisha ENS riramutswa umuyobozi mushasha

samedi 26 Nyakanga 2015

Dr Ir Nusura Hassan niwe yagenywe ngo arongore ishuri kaminuza nderabigisha ENS,akaba aje gusubirira Dr Janviere Ndirahisha yagenwe mu mabanga yo kuba umushikiranganji w’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.

Umuyobozi mushasha wa kaminuza nderabigisha ENS yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/35 ryo kuwa 23 Nyakanga 2015,riterwako umukono n’umukuru w’igihugu,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji w’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.

Dr Ir Nusura Hassan ahejeje gushikirizwa amabanga yavuze ko agiye gukorana neza kandi aganira nabo asanze basanzwe bakora muri iyo kaminuza,kandi ko azokorera ku mushinge uwo asubiriye yatanguye.

Mwomenya ko Dr Ir Nusura Hassan asanzwe ari umutambukanyi wa Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • eka barashaka bamuhe ico nzico nuko kamiza yi burundi ataco bamuhaye kuko irimwo induru nyinshi, naho bamwe bamushimagiza ngo arizi bwenge ntiyakwirikiye umugabo bandika ivyo bashaka nka kabuto ariko agenda arikinga ibisaka aryamye mubu hollande arondera imfashanyo umuntu atukana nawe ari muri abo bariko basega mubazungubakibaza ngo ntawuzi ivyo barimwo jewe nibaza ko uwashaka yogumya ururimi rwiwe kuko nivyo vyiza

  • nimucezo wandani mbg ubn batarik baradukina ntab yakurikira umugabo wiwe..nimwumv namw?

  • Umugore Naho Yokwiga Akaminuza Aguma Ari Umugore. Ubu Rero Agiye Gukorera Ubutegetsi Burondera Kwica Umugabo Wiwe? Mbe Bazomuha Ibiki Bisumba Ivyo Bari Bahaye Umugabo Wiwe Ariko Ubu Bamuhiga Buhongo? Uwo Mugore Arazompa Inyishu.

  • Sindavyumva! None bamuhay-akazi kandi umugabo wiwe atemera 3em manda? Biratangaje pe!

  • Abatutsi muzogwara ibisazi mwese,nimumureke yikorere akazi kiwe,ngo nakurikire umugabo,depuis quand abatutsi mwigeze mwitaho imphuvyi n’abapfakazi b’abahutu,iryo ni ishari ko yashoboye gusigara acunze amatungo y’umugabo,karabarya,banza mwangare za buraya,mukaryebaguze gushika mupfuye,mubanze mwumve icarico .

  • Mbega igabanganwa ryubutegetsi!janviere minustre??azobishobra?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.