Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > Amasanamu > Ishusho y’isanamu y’ururirimbo "What’s my name" ya Fizzo na Chanella (...)
Ishusho y’isanamu y’ururirimbo "What’s my name" ya Fizzo na Chanella yasohotse
samedi 20 Nyakanga 2014
Isanamu y’ururirimbo "What’s my name" Fizzo yaririmbanye na Chanella igeze kure mw’itunganywa. Ishusho y’uko izoba imeze iramaze kuja ku mugaragaro.

Ururirimbo "What’s my name" iriko ikorerwa isanamu n’urunani rw’abahinga mu buhinyanyuzi bane, igeze kure mw’itunganywa. Bamwe mu bahinyanyuzi batumenyesha ko isanamu iba yaraheze gukorwa ariko habura umwanya abo bahinyanyuzi bose bahurizako. Naho umwanya uza urabura rimwe rimwe, hasigaye igihe gito cane iyo sanamu ibone izuba.
Tubibutse ko isanamu y’ururirimbo "What’s my name" rwa Fariouz na Chanella iriko ikorwa n’abahinyanyuzi Fleury Pro akorera muri "High Videoz na Icom Pro, Cherif akorera muri The Cherif Productions, Kent Pro asanzwe akorera muri "African Sound Records" na Johnny B akorera muri "Mira Mira Film".
Raba aha munsi uko isanamu yateguwe bishobora gutanga ishusho y’uko izosohoka imeze.
Cherif Nkeshimana
Messages
20 Nyakanga 2014, 21:31, par ERIC
NDABAKUNDA
20 Nyakanga 2014, 21:49, par NIYOKINDI FELIX
NIVYIZA CAANE NAKARE TWARI TUYIRINDIRANYE IGISHIKA CINSHI.NAKOMEZE AGIRA NAYANDI MASANAMU.
20 Nyakanga 2014, 23:00, par MURUNDI
MBEGA NONE LOLILO YAGIYE HEHE KO CHANELLA MBONA BA FIZZO BIRIRWA BARAMWIDAGADURAKO?