Accueil > Ico ubivuzeko > Isi yuzuye ababiririra n’ababirirana
Isi yuzuye ababiririra n’ababirirana
dimanche 9 Kigarama 2012
Udafise aba ahangayitse arondera kuba nk’abandi, uwaronse nawe aba ahangarikishijwe n’itunga ryiwe kugirango abandanye atere imbere. Udafise afise ibimuriza, n’ufise nawe arafise ibimuriza.
Gusa ico nabonye mu buzima bwa minsi yose, nabonye kunezerezwa nuko uri arico kiruta vyose .woba nawe uhangayikishijwe n’uko udafise amafaranga menshi ? yewe ntibiguteshe umutwe kuko ntawuyahaga. Ego simpakanye ko afise akamaro ariko mbona ko adakwiye. Umve nawe yavuze atiUyafise yoyagura uburiri ariko ntiyoyagura itiro, uyafise yoyagura ibitabo ariko ntiyoyagara ubwenge, uyafise wocungererwa umutekano ari ntiwogura amahoro, iyo uyafise ugwiza abagenzi ariko ntibikubuza kuganya, uyafise wogura ubucuti ariko ntiwoyagura urukundo,uyafise wozunguruka isi ariko ntiyogufasha no kuzorunguruka mw’ijuru,uyafise woyagura ibituma ubaho ariko ntagiturire woha urupfu rwaje ngo rukureke.
Nico gituma umuntu wese ategerezwa kunezerezwa nuko ari.
Ego ntibikubuze gukura amaboko mu mpuzu ngo akore ibikorwa vyo kwiteza imbere n’abiwe mbere n’igihugu cose muri rusangi. Ariko kwamana amaganya sivyo vyotuma uronka uretse ko n’uwaronse n’ubundi nawe arira . wewe ubivugako iki.
Joel Sengurebe
Messages
1er Kigarama 2014, 17:12, par jojo
dunia haina huluma.umuntu yokwiyegurira uhoraho gusa kuko niwe mwizigirwa mwiza adahinduka nagato
24 Rusama 2015, 13:41, par Louis
yabuwufise yabuwudafise mbonabosarikimwe none umuhigwe ninde???
14 Mukakaro 2015, 15:05, par kazungu
nukomufisemenshi ahomwadebaritse ibinwa umengo muri ingurube zirigusura amase muriko murira ngobababone ahubwo jewe nobafata nobadida mukarira mifise ikibariza erega murateye isoni ehe nkuwo mugore ukungene umwana wiwe yumiwe araba agahabwa icokigaboco wobeshera urutaro urabona ivyobinwa vyaco ukuntu cabishanje none hariko harira mwebwe abana banyu nabo bafatishije barira ntawuhoza .
28 Gitugutu 2015, 19:06, par mdn
Nitubanz twitwararik ubwami bw’IMANA ibind izobitwongera.
2 Ruhuhuma 2016, 04:02, par Mutima
Nukobiri.
29 Kigarama 2016, 17:41, par Manirakiza Ferdinand
Harya bibwirwa besh bikumva benevyo.Iyi mpanuro ije hageze.Har besh bamez uko nyene.Bafise vyose muga baguma biririra ngo ntaco bafis wewe ubona ko bujuje.
19 Ntwarante 2017, 12:27, par Eric Niyondiko
None ubukene buhera kumuntu wariwe wese?