IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isidore Rufyikiri yabujijwe kwurira indege

Isidore Rufyikiri yabujijwe kwurira indege

mercredi 18 Kigarama 2013

Kubuzwa kurengana imbibe z’igihugu kwa Isidore Rufyikire arongoye inama nkuru y’abashingwamanza b’i Bujumbura, amenyesha ko ari intumbero yo kumutoteza ariko agirirwa n’umugambwe CNDD-FDD, kubera kwama ariko arashikiriza ibitagenda neza bikorwa na Reta y’Uburundi.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri akaba yabujijwe kurengana imbibe z’Uburundi kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Kigarama ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, igihe yagira aje mu nama y’abashingwamanza basanzwe bakoresha ururimi rw’igifaransa i Abidjan muri Cote d’Ivoire, yagirizwa ko ariko arakurikiranwa na sentare irwanya kurya ibiturire. Rufyikiri rero akaba atera ivyatsi iyo ngendo yo kumutoteza, kuko avuga ko azira kuba ashira ku mugaragaro ibikorwa vy’uguhohotera abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Isidore Rufyikiri abandanya amenyesha ko agiye kwitura ubutungane. Avuga ko azitura sentare y’Afrika y’Ubuseruko kugira imweze, mu gihe avuga ko ubutungane bw’Uburundi bukorera ku gitsure ca Reta. Rufyikiri akaba kandi avuga ko hari n’amanyanga yoba ariko arakorwa mu matora buca aba mu rwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, kugira urwo rwego ruze rurongorwe n’uwuri mu mugambwe CNDD FDD, mu ntumbero yo kuzivya aboba bavuga ibitagenda neza ku butegetsi bw’umugambwe uri ku butegetsi, nk’uko umushingwamanza Isidore Rufyikiri abandanya abimenyesha.

Aheraheza amenyesha ko ijwi ryiwe ritazigera rinuma mu gihe hakiri abahohoterwa akabibona, canke abacirwa izangondagonde akabibona. Amenyesha ko bitebe bitebuke ukuri kugiye kuja ku mugaragaro, ikinyoma gikubitirwe ahashashe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo munyamategeko yari akwiye kwisonera no gusonera ubutungane

  • uwo mushingwamanza turamushigikiye cane kuko il est tès Correct ubutegetsi nabwo ntibhimbarwa numuntu avuga ukuri.none iyaba bari juste nabo bohamagaza umuntu muri sentare atagira uwamwitwariye kwariko ndavyunva?ico nosaba abacemanza bo muburundi nuko boba abashingantahe bagakora ici bize mwishure kuk abo babakoresha amakosa sibobabarihiye amashure nibakire ivyabo nabo bakore ibibaraba kuko ejo sunomunsi hazogera igihe ukuri kuje ahabona bajugumire babure iyo banyikira.impene ivyay muci iti ahanje ndahejj hasigay ahabungere muraraba namwe mwabacemanza ko bitazobagarukako kuko bihora bigaruka kubantu bamwebamwe kandi muzi.

  • Isidore RUFYIKIRI numuntu wicabwenge kandi yakoze igihe kirekire m’ubushikiranganji bw’ubutungane,ariko jewe arantangaza cane mukwigira nkumuntu azi ukuri akanegura cane ibitagenda neza murino Reta ya Petero NKURUNZIZA,ariko igihe yari numutegetsi m’ubushikiranganji bw’ubutungane kuntwaro zihitiye hariho vyinshi bitagenda neza kandi yarabibona ariko ntiyaryogora,nareke rero kuba umunyameyeri abarundi turamuzi twaramuhinyuye.

  • Mwa ba DD pfa mwambaye ! Iyo mubonye umuntu atanguye guhinyura inyifato yanyu n’amanyanga yanyu aca acika umwansi , uburorero buruzuye , iminsi yose mushaka ntihagire uwuvuga amabi yugarije Uburundi n’Abarundi ! Hakiza yavuze ngo ku ntwaro zahise ngo ntiyigeze aryogora , harya ntitwari bwaje muri Demokrasi carazira kuvuga nabi abategetsi kuko twari mu mugambwe umwe , umurundi wese yategerezwa kwitwa UMUDASIGANA wanka wemera nuko vyagenda. None ga yemwe ubu demokrasi yariko iratsimbatara aho umuntu wese yitwa uko agomvye ! aho tudategerezwa kwitwa IMBONERAKURE ! Uyo mushingantahe rero arazi amategeko kandi arazi neza ingene CNDD-FDD irenganya Abarundi ari naco gituma abateye ubwoba kuko ashira ahabona ibigomba kononera Uburundi n’Abarundi. Ntakindi bamuhora kuko azi vyinshi kuribo kandi agatako akabishira ahabona Abarundi n’Amakungu tukabimenya. Rero ari naco gituma bafise ubwoba , bariko bahinda agashitsi, ubu ibisaka vyimbwa vyabashanye , kuko buca .......Baja...canke bi..... rindira turabe ! Mushingantahe RUFYIKIRI amaso y’ibikere ntabuza abavoma !

  • Mr emmanuel nukuri ahubw ni mw mwari mukwiriye kumusonera kuk avga ibboneka.

  • Nukuri abarundi ntituzofa duteye imbere,ivyiyumviro vyacu biracari muri kahise,mugabo umwikomondawuta mugisata c’indero,umengo abarundi twese ntitwigeze duca kuntebe y’ishure,ivyiyumviro vy’abarundi aho gutera imbere ahubwo biguma bisubira inyuma.none igihugu kizotera imbere gut muguma mushaka ko tugenderamuri kahise,ahubwo nimwibagire kahise tutegure kazoza,turazi neza ko kahize kuburundikatigeze kaba keza,ivyo rero nibidufashe gutegura kazoza,kubona muryaniraagahugu gatoyi k’uburundi,abarundi twese twari dukwiy gufata voyeage mubihugu vyohanze kugira twigire kubandi muvyitwaro,none nukuvuga ko twese abarunti turi ibijuju?tuguma turyana,duterana amajambo,twicana,dusahura amatungo y’igihungu,nn ninde azokiza uburundi?Rwagasoreturamwishe,Ndadaye turamugandaguy!abo banyepolitike ubona biyambitse amakoti ukibaza ko bakunda ubundi kumbe bagenzwa n’inda zabo,hahahahahaha pays miniscule comme Burundi 45 parties politiques!est ce que c’est normale?jewe icombona nuko iyo migabwe yose yofutwa hagasiga ibiri gusa ntimubeshe ngo turi muri democratie,ntayiriho kandi ntayo tuzokwigera turonka tant ke tutaronse umukuru w’igihugu akunda ubundi kandi azi ico ariko arakora,DD canke ikibiri ntanumwe akunda uburundi,ahubwo nibarondere ubuzi kuvyo bigiye nayo politike bayihebe,hama igihugu gitwagwe n’ababoishoboye bakunda ubundi n’abarundibatari basumirinda. 

  • Mbe abarundi tugiye kub’abande? igihugu kigiye kujahe? ni akahe kazoza kuburundi n’abarundi? muga ivyo bakora vyose bibukeko dufise demokarasi vyanka bikunda ibi bakora bazobibazwa. iconzi nuko imana itibagiwe uburundi n’abarundi. nibareke ibibera mugihugu bimenyekane namba batinya naho nibakore neza

  • Ukuru kuzoteba kuje ahabona kuko ntabwije budaca intwaro nkizo zitembagara nabi.

  • Nagira nkebure parfait ahantu yihenze kuvuga sinziko yabanje kwiyumvira neza nibaza muburundi ntihavugwa imbonerakure gusa hariho abo yibagiye ivyuma vyindege aba sans echec nabandi nababand ntibuka kuko umugambwe wose ufise aba jeune ahohantu yohikosora

  • Ariko basha aho mubona ariwe atisonera? abatisonera nabo batagomba kuvuga ukuri.murahumba turacafise icizere ko igihugu kizokira,haracariho abantu bu mutima bakunda igihugu nkabo ba RUFYIKIRI n abandi kandi ntaho bavugako ikibi gitsinda iciza bama batubwirako iciza cama gitsinda ikibi,

  • Uwumuntu Emmanuel ahubwo jewe sinovuga ko akomeye ,akomeye naho mumbabarire mvuge imvugo idakunda kunryohera ntiyisonera ,arashobora kuvuga umuntu ngo ntysonera abandi kandi ariko azira ukuri ,uraja uriyubara imvugo yawe ntimeze neza kandi ntibizijana bizokugarukako kandi atarikera ,arivyo urondera bisabe neza ,ureke uwuzi ivyazi abivuge nawe uceceke kuko ndakumva uzibike kandi naho womenya vyinshi ntaco vyokumarira kuko ico bita«bonne cohabitation »canke imvuga yubuntu ntayo ufise.

  • ahubwo Emmanuel mwari mukwiye kwisonera mwe n’aba dd mukareka gukora ibintu bitajanye , Aho mwoheza mukaraba ko hari uwubavuga nabi. Nabaho nkabona.

  • Uwo yiyita NTAMVURIGWIDAHITA Kim hamwe na Emmanuel ubwo barazi amategeko yiyi cite IGIHE?ehe biyandikiye ibitutsi,ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo,ntiwandike ibiteye isoni.uwu nawe yiyita Thomson nabe yandika ibijanye ninkuru ibayanditswe nkuko amategeko ya IGIHE abitegeka,abakozi ba IGIHE nabo nkabasaba koboza barasuzuma ivyiyumviro vyabanywanyi babo bashikiriza,bagakurikiza ingigo yogushira ahabona inkuru y’urufasoni.

  • Uwo yiyita NTAMVURIGWIDAHITA Kim hamwe na Emmanuel ubwo barazi amategeko yiyi cite IGIHE?ehe biyandikiye ibitutsi,ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo,ntiwandike ibiteye isoni.uwu nawe yiyita Thomson nabe yandika ibijanye ninkuru ibayanditswe nkuko amategeko ya IGIHE abitegeka,abakozi ba IGIHE nabo nkabasaba koboza barasuzuma ivyiyumviro vyabanywanyi babo bashikiriza,bagakurikiza ingigo yogushira ahabona inkuru y’urufasoni.

  • Muzininkuru jewehariho ikintunibaza mbega nukuberiki umuntu iyacicaye kuntebe yubutegetsi ngahomu Burundi atabona kwabantu barengana arikoyamara kuyivako akacabonakwabantu barengana? Uwomunyacubahiro ukwokuri ndamwumvana akirumuntu ashobora kuvuga rikijana kandirikagirira ikimazibose wamengo ntiyaruwo? Sinziko uwoniyumvira koyobaruwo kuko uwonzi Isidore Rufyikiri rakora mubushikiranganji bwubutungane sinzi koyobaruwo? niyabaruwo jewenararenganijwe akirimubwobushikiranganji ntiyigeze avuga rugabo (rushinganta) nkukundamwumvabu!? Yobayatinya ubutegetsi bwicogihe? Mbega yabonyeko ubutegetsi bwuromusi aribwobworoshe? Canke yabonako avuzukurikiriya gihe avuze batarikumwihanganira bigatuma amakungu amereranabi ubutegetsi yiyumvamwo yariguvava imererwanabi namakungu? Arikubu abonako arisawakuvuga kuko iyintwaro atiyuvamwo?!!!!!!!!!!!

  • parfait ntiyihenze imbonerakure zikora ibibi kurusha sans echec ivyuma vyindege. ahubwo zizoba nkababasore bo kwa laurent bagbo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.