IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Islande n’Uburundi bagiye gufashanya mu bisata bibiri

Islande n’Uburundi bagiye gufashanya mu bisata bibiri

jeudi 12 Kigarama 2013

Mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire myiza n’ibindi bihugu, uwuserukira Uburundi mu gihugu ca Islande Pascal Ruhomvyumworo, yarakiriwe n’umukuru w’ico gihugu aho yamushikirije n’amakete amugena.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama uyu mwaka nk’igihe c’isaha icenda n’iminota 50, akaba ariko Pascal Ruhomvyumworo yakirwa na Ólafur Ragnar Grimsson umukuru w’igihugu ca Islande. Olafur akaba yaramwipfurije ikaze mu gihugu ca Islande, ndetse amwipfuriza kuroranirwa, n’ukugira akazi keza.

Ruhomvyumworo agiye guserukira Uburundi aho muri Islande, akaba yarasiguye ukwo igihugu c’Uburundi cifashe. Amenyesha ko gikeneye abaza gukorana n’Uburundi mu bisata bitandukanye aha twovuga nko mu bisata vy’indero, ubutare n’agataka, uburovyi, ibidukikije n’ibindi, kandi igihugu kikipfuza ko abasanzwe bagifasha bokiguma iruhande.

Umukuru w’ico gihugu akaba yaremeye ko ibisata bibiri ari vyo bigiye gutangurirwamwo, ivyo navyo, bikaba ari igisata c’uburovyi hamwe n’ubutare n’agataka. Nk’uko tubimenyeshwa n’uwuserukira Uburundi i Reykjavik mu gihugu ca Islande abivuga, imbere y’uwo mubonano yahawe n’umukuru w’igihugu, akaba yabanje kuvugana na bamwe mu bayozi bakuru bakuru b’ibisata bitandukanye b’ico gihugu ca Islande.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.