Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isoko ya COTEBU : Abadandaza bongewe ikiringo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Isoko ya COTEBU : Abadandaza bongewe ikiringo

Isoko ya COTEBU : Abadandaza bongewe ikiringo

lundi 19 Nzero 2015

Kuwa cenda Ruhuhuma 2015 niryo sango ntabanduka isoko mfatakibanza ya COTEBU izokwugururirwako, bikaba vyashikirijwe na Melchior Simbaruhije, umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza muri iryo soko.

Ushitse mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, umuntu yakirwa n’urwamo rw’amamashini ariko arasudira. Muri iyo soko umurwi munini w’abadandaza baramaze guheza kwubaka mu bibanza bahawe. N’ubwo hari igice kinini cabamaze guheza kwubaka, hari abandi ibibanza bahawe bikigaragara, bataratangura. Abo nabo bakavuga ko bakiriko barondera uburyo bwo kwubaka, na rirya n’ibikoresho vyaciye bizimba. Melchior Simbaruhije akaba yamenyesheje ko abo badandaza bongewe ikiringo co gushika kuwa 9 Ruhuhuma isango ntabanduka ry’aho isoko rizokwugururirwako.

Tubamenyeshe ko ivyo abishikirije mu gihe abadandaza bari bisabiye ko ikiringo cokwongerezwa, nk’uko Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO yabishikirije mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ariko rero hari umurwi w’abadandaza mu bahejeje, basaba ko isoko yokwugururwa kw’isango ryari ryatanzwe n’uwo murwi kugira abahejeje kwubaka batangure ibikorwa, babonereho kuronka ingene bariha imyenda bafashe kugira bubake ivyo bibanza. Mukamenya ko ikibanza kimwe kimwe umuntu agereranije gitwara amafaranga angana n’umuriyoni n’inusu w’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.