IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko yahiye n’ikuburwe barya badandaza b’ivyamwa n’imboga babe (...)

Isoko yahiye n’ikuburwe barya badandaza b’ivyamwa n’imboga babe barakoreramwo’’

samedi 18 Nzero 2014

Isoko nkuru yahiye n’ikuburwe ibibomoka bikurweho, abadandaza b’ivyamwa n’imboga babe barakoreramwo mu kurindira ko isoko ya COTEBU yuzura, aho kwama babashuhuriramwo igipolisi kibambura utwabo, bivugwa n’umushingamateka wo mu mugambwe UPRONA Bonaventure Gasutwa.

Ikibazo c’abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura ntikibonwa kumwe n’abashingamateka bo mu migambwe itatu iri muri Reta. Bonaventure Gasutwa umushingamateka wo mu mugambwe UPRONA avuga ko Reta aho ko irungika igipolisi gushwiragiza barya badandaza b’ivyamwa n’imboga, ahubwo bari kuba barakubuye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura yahiye n’ibomoka bakakibukaraho, ingorane zari kuba zagabanutse.

Nayo Remy Barampama umushingamateka wo mu mugambwe CNDD FDD yatowe mu gisagara ca Bujumbura asaba abo badandaza kwihangana amezi atatu gusa, bakumvira inzego barindire mu kwezi kwa ndamukiza, hasanzwe havugwa ko ariho isoko ya Cotebu izokwuzura, agira ati: ‘’Nimba vyarabakundiye ko bihangana amezi 9 , atatu siyo yo bananira.’’

JPEG - 94.3 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Audace Bizabishaka wo muri sendika SYGECO avuga ko Reta itigeze yerekana ugushaka gukorana n’abo badandaza, kuko bari basavye igihe isoko isha ko bobareka bagakubura rirya soko, agira ati: ’’Iyo wumva abadandaza bashika nk’6000 ntibari kunanirwa gukubura isoko. Ariko bararindiriye inyishu amaso ahera mu nzira. Umushingamateka Bonaventure abandanya agira ati:’’ Sinumva ukungene umushikiranganji w’ikigega ca Reta yokwama ariko avuga ko amafaranga yinjira mu kigega ca Reta yagabanutse kubera isoko yahiye, ariko ukabona umenga Reta nta gushaka ifise kwo kugira ibintu bisubire mu buryo, abadadandaza baronke aho bakorera. ‘’ Reta nta ntumbero ifise yo kworohereza abantu bashaka gukora’’

Umushingamateka Juvenal wo muri Frodebu nyakuri na wenyene ashaka kuvuga nka mugenzi we wo mu mugambwe UPRONA agira ati:’’ Reta ni yubahirize abadandaza mu mwuga wabo mu kubaronsa aho bakorera.’’

Mwomenya rero ko abo bose bari abatumire mu kiganiro abaduserukira gica ku nsamirizi RPA (Radio publique africaine ) ijwi ry’abanyagihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu.


Floxella Karire

Messages

  • I i i i i i ....!! Uwo kurikiza izi mpanuro za Bonaventure Gasutwa wa UPRONA n’iza Audace Bizabishaka wo muri sendika SYGECO, igihugu c’u Burundi coca gisha. Mbe ko isoko yahiye kandi hadandarizwa ibintu bitandukanye, baretse abo bagore b’ivyama, mwumv’abasigaye badutse boshirwa he? Jewe iyo mvugo ndayita "agashinyaguro". Leta iherutse gushikiriza 16/01/2014, biciye ku mushikiranganji w’ikigega Tabou Abdallah Manirakiza, imigambi izokorerwa mu kibanza hahora isoko nkuru. Kuki abo bantu batareka Leta ikor’imigambi bishinze? Impamvu badashaka ko abo bagore babandanya kudandaza mu mabarara y’igisagara, barabisiguye kimwe n’impanuka bitera. Tubisubiye mwo, UPRONA iriko inanirwa gukina politique.

  • Ahubwo jewe mbona mu gihe reta yoguma inana abadandaza boca bashoka rirya soko maze bakarikubura bagaca batangura kurikoreramwo nkaraba ukuntu aba DD bababuza. Nawe ntu 6000 commerçants ntivyobananira kuhinjira babishatse!

  • Uwomuntu yitwa Uwubizi, murabonye urworwanko afitiye barya badandaza amatomato mugisagaraca Bujumbura!? ubwo uwukunda womugirinama nkiyo koko? Cokimwe nuwomushingamateka avuzengo ahahora isoko ngobahakubure bahahe abadandaza amatomate! buryajewe sinarinzi ko umuntuwumutegetsi nkumushingamateka ashobora kuvuga ikintu kibonekako gikozwe cokuraho nakariho, icambere uhayuruhusha abamatomatoes kuhadandariza wobukuyehonakariho kukonuwimpuzu yocaza uwibirato gurtyo abamavuta etc urwamomwumvangaho Bujumbura haganti yigi police nabaryabadandaza itomato rwocarwiyongerako times 7 = ishano mugisagara ca Bujumbura.

  • Nukuli uwoikibajoyaragisoboye hamauwavugakwihangana amezi 3 naweniyihangane kutazokwakira umusaharawiwe ? Bawufashinse abobakenyezi mukulindira ayomeji 3 niyabishica imana izimuhe kuramba nkaiburahimu ? Numugisankuwahawe shallomo ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.