Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israël : Ibirori vyo gusezera Ariel Sharon vyatanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israël : Ibirori vyo gusezera Ariel Sharon vyatanguye

Israël : Ibirori vyo gusezera Ariel Sharon vyatanguye

dimanche 12 Nzero 2014

Inyuma y’urupfu rwa Ariel Sharon, yasezeye isi ku myaka 85, akama yari amaze imyaka umunani muri "Coma", Reta ya Israël n’umuryango w’uwo yahora ari umushikiranganji wa mbere wa Israël batanguye kwitegurira ibirori vyo kumusezera ubwa nyuma, hamwe n’ukumushingurana iteka.

JPEG - 63.6 ko
Ariel Sharon yitavye Imana ku myaka 85

Muri iyo myiteguro, umukuru w’igihugu ca Israël Shimon Peres, n’umushikiranganji wa mbere Benyamin Netanyahu barishikiye ku munsi w’ejo kuwa gatandatu kwunamira iyo "ntwari idasanzwe, yamanye ubwira n’umutima rugabo", nk’uko vyivugiwe n’umukuru w’igihugu Shimon Peres.
Shimon Peres ati : « Ariel Sharon ntiyabazwa ubwoba mu bikorwa vyiwe. Twaragiranye ubugenzi bukomeye ku gatwe kacu, n’ukuri yari intwari ibushitse. Nzokwama ndamwibuka n’aho isi yavuyemwo imusubiyeko».
Umukuru w’igihugu Shimon Peres yarakeje ubukerebutsi bw’iyo ntwari y’umusirikare wa kera, umunyeporitike yamye ashira imbere inyungu z’igihugu ciwe, atibagiye kugikingira.

JPEG - 20.1 ko
Shimon Peres, umukuru w’igihugu ca Israël

Kuva ku bitaro vyegereye igisagara ca Tel-Aviv, ari naho yasandabiye inyuma y’imyaka umunani ari muri "Coma", ikiziga ca Ariel Sharon kizokwungururizwa i Yeruzaremu. Bitegekanijwe ko isandugu azoba arimwo yerekanwa kuri uwu w’Imana, abashaka kumwunamira bashobore kumusezera.

Ku munsi w’ejo kuwa mbere, ibirori nyezina vyo kumusezera bizobera mu ngoro y’inama nshingamateka. Abategetsi batandukanye bazoba baje bava kw’isi nzima bazokwishikira kumusezera irya nyuma, aho twobabwira nka Joe Biden, icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Serguei Lavrov, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, hamwe na Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza. Bahejeje kumusezera, Ariel Sharon azoca ashingurwa ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 13 Nzero 2013.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murakoze bene wacu muri iburundi.ariko iyo mutubwira ngo n’itwari ubwo nitwari rwose iruta madiba yotavye imana isi yose ikagera kumwunamira ja muduha amakuru ariko muje mureka kwita itwari ikware koko ubu nanje nipfa muzonyitwa i twari.im sorry kuba mvuze uko ariko imana imwakire niyaba yara koze neza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.