Accueil > Ubutunzi > Bamwe baribaza ahoba hasubiye kunyikira isukari y’Uburundi
Bamwe baribaza ahoba hasubiye kunyikira isukari y’Uburundi
dimanche 26 Ndamukiza 2015
Isukari yasubiye kubura mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagisagara bakavuga ko n’aho ibonetse isigaye izimvye.
Ikiro c’isukari cahora kigurwa amafaranga 1600, ubu kigeze ku mafaranga ibihumbi bibiri n’amajana ane, canke nahonyene bakayibura. Abashoboye kuyaga n’ikinyamakuru IGIHE.bi bakabona ko ari ibara kubona isukari ishobora gukena, kandi ikorerwa mu Burundi, abo bakibaza ahubwo ko yoba yasubiye gushorwa mu bihugu vyo hanze. Isukari rero ikaba ibuze, mu gihe hari hamaze iminsi igitoro carabuze, bamwe bagahitamwo kubika imiduga yabo, bakaja mu buzi n’amaguru canke bakipakiza.
Yaba ico kibazo c’isukari canke ic’igitoro, bikaba bisa n’ivyagumye bigora ubushikiranganji bw’ubudandaji gutorerwa umuti haraheze iminsi, aho abatari bake babona ko umushikiranganji Mariya Roza Nizigiyimana yoba adashoboye gutorera inyishu ivyo bibazo, canke ko ubwo bushikiranganji atabwo ashoboye. Aha abayaze n’ikinyamakuru IGIHE.bi, bakavuga ko umukuru w’igihugu yari kuba yarabogoje uwo mushikiranganji kuko ku bwabo, babona ko adashoboye kurongora ubwo bushikiranganji, baravye zimwe mu mvugo zo kwivuguruza zagiye ziranga ico gisata.
Abo twayaze bagira bati :’’Mu Burundi huzuye incabwenge nyinshi, abakenyezi n’abagabo banonoye amashure, boshobora gutunganya neza, ubwo bushikiranganji’’, ibibazo turimwo tukabivamwo.
IGIHE
Messages
2 Rusama 2015, 06:43, par BIMENYIMANA ERIC
ahubwo muburundi nihatari none habura imisigati yokuganamwo konzi muri sosumo ari vyishi