Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Italie :Umubikira yibarutse inyuma yo kubesha ko afise indwara zo mu (...)
Italie :Umubikira yibarutse inyuma yo kubesha ko afise indwara zo mu nda
lundi 26 Nzero 2015
Mu gihugu c’Ubutaliyano hari umubikira yinjijwe mu bitaro vyitwa ko agwaye yumva ababara mu nda niko mu nyuma kwibaruka ikibondo
Uwo mubikira mu gutanga insiguro c’igituma yavyibushe yari yavuze ko afise ingorane zo mu nda. Kuwa 15 Nzero 2014 i Reiti, igisagara co mu Butariyano , hafi y’i Roma, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubutaliyano Corrierre Della niho uwo mubikira yibarukira ico kibondo.
Roxana Rodriguez, asanzwe ava i Salvador , yaba kuva mu mwaka w’2012 mu kigo c’ababikira gisanzwe kiri hafi y’igisagara citwa Rieti. Akaba yari yararahiye ko yiyemeje kugumana ubusugi, ubukene hamwe no kwumvira. Amakuru abandanya avuga ko uwo mubikira yari yibiye akabanga umwe mu basanzwe bafasha mu vy’imibano ko yibungenze, kandi ko yumva aticira urubanza na gato,ko iyo mbanyi ategerezwa kuyigumana hamwe kandi no kuzorera uwo mwana. Agira ati : Ni impano y’ Imana.
Floxella Karire
Messages
26 Nzero 2015, 19:34, par Claude
Nigihe Ciherezo
26 Nzero 2015, 19:40, par kira
Yayisamye muri mutima mweranda muraraba neza ko atari Adolphe yayimuteye mumpwemu ,,,canke bunyoni kudu stomi barakaze ...abo bakinagwe babicanyi
26 Nzero 2015, 19:56, par HAKIZIMANA Benjamin
Erega nabene bafise umubiri.uko muryohegwa bonibo vyobagwa nabi?uwo akwiye ikihe gihano?
26 Nzero 2015, 21:46, par Barumwete
Ababikira bama bavyaye abana bakabajana mumarerero yimpfuvyi kandi nicogituma (eklezia)ayo marerero iyakurikiranira hafi
27 Nzero 2015, 10:39, par desy
birababaje.....ariko ndamushimiye ko atakoroye iyo mbanyi. icaha ntikiri mu gutwara imbanyi oya. nkuko nyeneyo avyivugira koko gusama/kwibungenga ni ’’ingabirano y’Imana’’ ariko ikibazo ni ’’INDAHIRO’’ yarahiye imbere yImana n’abantu yuko azogumana ubusugi abitewe nibanga yiyemeje. kovyamunaniye rero,vyerekana yuko arumuntu afise ama ’’FAIBLESSES’’ntarubanza ndamuciriye ariko imbere yuko ataramurwa,nasabe ikigongwe Imana n’abantu.
27 Nzero 2015, 14:41, par desy
none uwayimuteye ninde ko atavugwa ?? muze muraraba amakuru mutanga yuko ari ’’equilibre’’ kubera ntushobora kuvuga uwasamye imbanyi ntuvuge uwayimuteye.
27 Nzero 2015, 19:39, par modeste
nshaka munyemerere inkuru zo kuri iyi site nzohore ndazisoma kuri face book inkuru zica aha hantu zirandyohera caaane,ngize clique kuri like bambwira ko fan a été échoué,ubuheruka ama kuru narayaronka ubu ntibikunda,muranyandikira mumpe inyishu
27 Nzero 2015, 23:54, par Ndayikengurutse Daniel
ivyo nibisanzwe kuk naw numuntu kandi ntiyagiye mukibikira kuberako arwaye je mbona bitodusamaza gusa azovyirega
19 Nyakanga 2016, 05:44, par 69464717
NTAKUNTU YARI KUBA AZI KO ARI UMUBIKIRA AGATWARA INDA 2.KUBERIKI ABAPATIRI BAFATANYA ABARONGORA MUGABO MUCUMBA BENDANIRAMWO NTIBAYO? AYo kweri samanyanga